Europa Ligue : Manchester United yatwaye igikombe cayo ca mbere

Umurwi wa Manchester United wo mu gihugu c’ubwongereza niwo watahukanye igikombe ca Europa League uyu mwaka,inyuma yo gutsinda umurwi wa Ajax wo mu gihugu ca Holande,mu rukino rwa nyuma rwabaye mw’ijoro ryo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 24 Rusama,umwaka wa 2017.

Ku munota wa 18 mu gice ca mbere c’urukino rwabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Suede Stockholm,umukinyi Paul Pogba ava mu gihugu vcv’Ubufaransa yari yinjije igitsindo ca mbere c’umurwi wa Manchester United.

Naho igice ca mbere c’urukino caheze umurwi wa Manchester United ugifise igitsindo kimwe gusa, inyuma y’iminota itatu gusa igice ca kabiri gitanguye, umukinyi Henrikh Mkhitaryan wa Manchester United yatsinze igitsindo ca kabiri,urukino ruca ruhera bikiri ibitsindo bibiri vya Manchester United ku busa bwa Ajax.

Kibaye igikombe ca mbere ca Europa League umurwi wa Manchester United utwaye, bica bituma umurwi wa Manchester United uronka uburenganzira bwo gukina ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Buraya, nah utari wabaye mu mirwi ine ya mbere mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’ubwongereza.

Mu gihe igihugu c’Ubwongereza cahora giserukirwa n’imirwi ine, mw’ihiganwa ry’umwaka uza rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo, igihugu c’Ubwngereza kizoserukirwa n’imirwi itanu,ariyo Chelsea, Tottenham Hotspur, Manchester City, Liverpool hamwe na Manchester United.

(Visited 8 times, 1 visits today)

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *