Impunzi Marguerite Barankitse ,Ibuye riremereye Leta y’Uburundi mugihe himirije amatora

Umupfasoni Marguerite Barankitse afatwa nk’intambamyi idasanzwe kuri Leta y’uburundi n’inyuma yaho avugiye ibitanezereye iyo leta kw’iradio mpuzamakungu y’abafaransa ‘’RFI’’ ifatikanije na TV5MONDE hamwe n’ikinyamakuru LE MONDE ,ari nayo mvo y’ibihano RFI igiye gufatirwa mu Burundi.

Ico kiganiro cabaye ku wimana  igenekerezo rya 2 Ruheshi 2019, camaze iminota 48 cari caremeshejwe n’abanyamakuru 3 baserukira ivyo binyamakuru twadondaguye aho hejuru abo nabo ni Francoise Joly wa TVMONDE ,Sophie Malibeaux wa RFI na Maryline Baumard wa LE MONDE.

N’ibiki uwo mupfasoni Barankitse yashikirije kuri ivyo binyamakuru ukwari 3 ?

Barankitse yagarutse cane cane kubibazo vyimonogoje kuva mu mwaka wa 2015 igihe hatangura indyane zikomoka ku kiringo ca 3 ca Petero NKURUNZIZA kitigeze cemerwa n’abatemera Leta yiwe .Muvyo uwo mu pfasoni yashikirije harimwo abakenyezi bagiye bafatwa ku nguvu kuva 2015 ‘’Barangitse yavuze ati ,Leta itemewe n’amategeko ikora amabi menshi barafata abakenyezi ku nguvu gushika n’ubu ,akarorero n’umupfasoni MUNEZERO Aline yafashwe ku nguvu n’abapolisi 3 bahererekanya imbere y’umuryango wiwe’’

‘’Munezero uyu musi yirigwa arazanguruka ashira ahabona ivyamushikiye kuko ari akamaramaza kandi ivyo tubikora kugira ngo amabi abandanya gukorwa n’irya Leta y’igikenye amenyekane kw’isi yose ,hama abatabara batabare amazi atararenga inkombe’’.niko Barankitse yavuze kandi.

Ikindi cabaye yavuze n’abagandaguwe kuva izo ndyane zitanguye ,aho yagarutse k’urupfu rw’umwana yarashwe ubwa mbere ariwe Jean Nepo KOMEZAMAHORO, Margarite ati ‘’ Komezamahoro yarashwe n’umupolisi yatumwe na Nkurunziza araswa ariko araharanira amasezerano ya arusha yashizweko umukono na Nkurunziza ubwiwe ,uwo mwana bamurashe amanitse amaboko hejuru ariko baruhiye kumwica kandi atanabagwanije’’

N’igiki cinyegeje inyuma y’ingingo ishobora gufatwa umwanya n’umwanya na Leta  yo kwugara iradio y’abafaransa RFI ?

Iyo Leta nyene ibicishije k’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Nestor Bankumukunzi ,yamaganiye kure ivyavuzwe n’umupfasoni Barankitse ,mbere bagirako banategura imyiyerekano yo kwiyamiriza ivyo binyamakuru vyamuhaye ijambo,ivyo bikorwa nyene ,bikaba vyanahavuye bishirwa mungiro kuri uyu wa gatandatu uheze aho mugihugu cose hateguwe iyo myiyerekano.

Petero Nkurunziza ,atwara igihugu c’uburundi kuva mu mwaka w’2005

Yamara naho biruko m’ubwongoshwa hava amakuru avuga ko Leta yifuza gukora amatora ata kinyamakuru badashoboye kugenzura gikorera k’ubutaka bw’uburundi,ivyo bikaba vyatanguye kuja mu ngiro igihe bafatira ibihano bisa nk’ivyo iradio y’abongereza BBC hamwe n’iradio ijwi ry’amerika VOA. Mwomenya ko amatora asigaje hafi ikiringo c’umwaka umwe ,ayo matora akaba agiye kuba abanyepoliritike bari kuyitabira hafi yabose babarizwa m’ubuhungiro hanze y’igihugu abo nabo bakaba bakomoka mu migambwe isanzwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Nkurunziza ,nayo amaradio yigenga akaba yaraturiwe,abanyamakuru bayo barenga 100 kabaka babarizwa m’ubuhungiro kuva izo ndyane zitanguye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *