Bururi:Umwana ari musi y’imyaka 18 arafunzwe yagirizwa guhumanya itongo ry’abapfuye

Uwo muyabaga yaraye afashwe kur’uyu wa mbere w’igenekerezo rya 14 Gitugutu uyu mwaka 2024 mu ntara ya Bururi ,akaba azwi ku mazina ya Bosco Ciza w’imyaka 12 y’amavuko akaba afunzwe azira guhumanya itongo ry’abapfuye canke imva.
Nkuko amakuru turonka ava mu ntara ya Bururi,abivuga uyu muyabaga akiri muto afungiwe mu gasho k’igipolisi mu ntara ya Bururi gushika ubu akaba atakindi caha yagirizwa Atari guhumanya imva ,icaha gisanzwe gihanwa n’amategeko y’uburundi naho bamwe bavuga ko yarakwiye kurekurwa kubera ashobora kuba yarabikoreshejwe n’ubwana ,akabikora ku kutamenya,naho hari ayandi makuru avuga ko basanzwe babikora ari umugwi w’abantu benshi harimwo n’abamusumba.
Ciza ngo yarasanzwe ajana n’abandi kurondera ivyuma biba vyahambanywe n’abapfuye kugira ngo babigurishe ,mugabo akaba yafashwe ari wenyene ,mugihe yari ariko arataburura amabati baba bafukishije abapfuye kugira ngo akunde aje kuyagurisha ku biro ,nkuko asanzwe abikora na bagenzi we basanzwe bagendana mbere bagasangira nivyo bikorwa. Amakuru akemeza ko uyu mwana yafashwe n’urwaruka rwo mu mugambwe usanzwe uri ku butegetsi muri kino gihe mu Burundi cndd_fdd ,hari mu masaha y’umugoroba.
Amasoko yacu avuga ko uyu mwana ata kibazo co mumutwe afise nkuko bamwe mu muryango wiwe bari batanguye kuvyemeza,ariko kandi hakavugwa no kutarabana ryiza hagati y’umugambwe uri ku butegetsi n’umuryango wiwe ,ibi amasoko akavyemeza kubera ko bamwe mubo bagendana basanzwe bazi aho baba kandi ataco babagira,naho ata tonga bafatanywe nka Ciza .
Ciza akomoka ku mutumba wa Taba ni muri komine n’intara ya Bururi gushika ubu akaba afungiwe ku mugwa mukuru w’iyo ntara nyene akomokamwo. Nayo mugihe yo kwagirwa n’icaha nkuko amategeko abitegekanya,yoca afungwa hagati y’imyaka 8 na 10
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.