Kigali:Amashirahamwe ayobowe n’impuzi ziba mu Rwanda ari mu nyigisho zizomara imisi itatu

Ni inyigisho zatangujwe icese n’uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi UNHCR kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 nyakanga 2024,ikigali mu Rwanda mu nyubako z’imwe mu mahoteri akomeye . Murayo mahugurwa hakaba hitabiriye kandi urwego rwa Reta y’Urwanda Minema ,Ishirahamwe rifasha impunzi mukwiteza imbere Inkomoko hamwe na Prison Fellowship Rwanda.

Inkuru yanditswe na Claudine Ndayishimiye

Izi nyigisho zerekeye ahanini ibijanye no gushirahamwe amashirahamwe arongowe n’impunzi azwi nka (RLOs) mu ntumbero yo gushira inguvu hamwe gutyo ayo mashirahamwe ashobore kwibeshaho atazera inze. Iyindi ntumbero nyamukuru y’izi nyigisho ,n’ukugira ngo abarongoye amashirahamwe batumiwe banamenyane muburyo bwagutse gutyo habe no gukorana bazinanye hagati yabo .

Uwurongoye ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi UNHCR mu Rwanda agira ati :" Agaciro ,ivyiyumviro vyanyu hamwe n’ivyo mukora n’ivyo bizotuma mushika ku ntumbero.Ndasaba buri umwe wese kugira umutima wo gukorera hamwe kugira ngo ibi bigire agaciro .Mudusangize ubumenyi kugira ngo natwe tumenye uburyo twoheza tugafashamwo Amashirahamwe yanyu ". Akongera ati :"Muri izi nyigisho, tuziga ibijanye no gusangiza n’abandi umusaruro w’ivyo dukora N’uguprofita kano kanya kugira ngo mwige gutyo nimwasubira iyo mwavuye muzofashe abasigaye mu bihugu vyanyu."
Mugusozera ijambo ryiwe, Aesetou Ndiaye yemezako impunzi zishobora gukora ibidasanzwe haba mu kwiteza imbere, kwubaka abandi no guteza imbere igihugu cabakiriye .

Yongera ati :"Kuba turi ngaha bimpa icizere ko ejo canke hirya yejo bizogira akamaro aho tubaye, ni mugihe yariko arugurura icese izo nyigisho zizomara imisi 3" .

Irindi shirahamwe ryari ryitabiriye izo nyigisho n’iryitwa Inkomoko risanzwe rikorana cane hafi na hafi na UNHCR. Mw’ijambo ryiwe Kevin Ayuko Ochieng avuga ko yanezerewe no kuba murizo nyigisho . "Inkomoko dukora ibijorwa vyacu mu bubice 3, igice ca mbere ni Umuntu kubgiti ciwe,(Individual level ) Igice ca kabiri n’Ibijanye no n’isoko,(Market level )hamwe n’abakorana n’amashirahamwe, (ecosystem ).

Kevin abandanya avuga ko Mu mwaka uheze ariho batanguye gukorana n’amashirahamwe yatangujwe n’impunzi,akavuga ko babikoze mu ntumbero yo kwagura ivyo basanzwe bakora

Agira ati :"Ayo mashirahamwe ayobowe n’impunzi ariyo (RLOs) niyo twifuza gukorana nayo gutyo biteze imbere.Impunzi nizo zambere zitanga inyishu ku bibazo vyabo ,gukorana namwe bizozamura imibereho y’abantu benshi mubijanye n’urudandaza (business,) RLos zihari kugira zikemure ibibazo vyo mu kibano, dushaka kubaha ubumenyi bwo kubaho igihe kinini".

Asozera avuga ati :"Turamaze gufasha amashirahamwe ashika 10 harimwo nay’impunzi ,ubu naho tuzofatanya namwe muguteza imbere abo mu kibano cane cane impunzi n’abanyagihugu bazakiriye" .

Ntawucubahuka kuvuga ko impunzi ari umutwaro ku gihugu cazakiriye

Izi nyigisho kandi zaratumiwemwo Ubushikiranganji bujejwe kugwanya ibiza MINEMA aho nabwo nyene bwari bwaserukiye reta y’Urwanda murizo nyigisho zateguwe na UNHCR mu ntumbero yo gushiraho urunani rw’amashirahamwe.

Emmanuel akorera ubwo bushikiranganji, yatanguye ashima kubona ababiteguye baributse kubatumira agashima kandi no kuba bagiye gushiraho uru rwego rwayo mashirahamwe ,kuko impunzi arizo zirusha MINEMA kumenya ivyo zikeneye ,ariko kandi avuga ko bizofasha n’ubwo bushikiranganji,narirya ubu impunzi zitakiri umutwaro.

Manweri agira ati :"Kera impunzi zari umutwaro ku gihugu ubu siko bimeze ,abanyagihugu baravyungukiramwo kuko nkayo mashirahamwearatanga akazi ku banyagihugubacu,abakora urudandazwa baratanga imisoro ku gihugu ,eka mbere no kuba n’ishirahamwe nka UNHCR ikorera mu gihugu cacu,reta yacu ibigiramwo inyungu naho tutishimiye kuba muri hano. Kuba muri mpunzi mukitunga bishiraho icizere c’ejo heza hanyu ,nimwasubira iwanyu muzobandaniriza kuvyo mwakuye mu buhungiro kuko muzoba mufise vyinshi vyo kwigisha abo mwahasize" .

Asozera agira ati :"N’abazoja mu bihugu vyo hanze ,nimwaba mufise ubumenyi namwe buzobafasha guterera imbere iyo muzoba muri ,ivyo mukora biradufasha nkabasanzwe bafise intumbero y’uko mwitunga mugihe muri hano nigihe muzotahira iwanyu .Tuzobaba hafi muburyo bwo kubafasha mubijanye n’ubuhinga eka mbere n’amahera kugira mwigire " niko yashikirije abaraho igihe yari yahawe akanya

Abandi bagize ico bashikiriza n’ishirahamwe risanzwe rikorana cane na UNHCR ryitwa Peison Fellowship Rwanda (PFR) mu kinyamazuru,rikaba ryari ryaserukiwe n’umupfasoni yitwa Betty aho yatanguye yibutsa ko iryo shirahamwe ryatanguye gukora 1995 ,kandi ko bakorera mu turere 24 hirya no hino harimwo impunzi n’amabohero ,ibijanye n’amategeko , amagara yo mumutwe (mental health) n’abageze muza bukuru.

Betty ati :"Turakorana n’inkomoko na unhcr, dukorana kandi na Inkomoko mugufasha nayandi mashirahamwe arongowe n’impunzi,turi kumwe tuzokorana neza kandi tuzofasha ivyo dushoboye vyose kugira mwiteze imbere."

Twobamenyesha ko amashirahamwe yari yitabiriye izi nyigisho yababa 30 ,ahanini akaba agizwe n’impunzi z’abarundi ,impunzi z’abanye Congo hamwe n’impunzi zo muri Sudani .