Tanzania : Harumvikanye amasasu menshi mw’ikambi ya Nduta, gushika ubu impunzi ziri muyabira

Mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzania mu masaha ya satatu z’ijoro mu ntango ziyi ndwi turimwo, impunzi z’abarundi zaratewe n’abantu bitwaje ibigwanisho aho bagize batya baja babona abapolice barikumwe na bamwe mu bacunga umutekano muri iyo kampi y’impunzi abo bita abasungusungu mugihe bari baje batazambaye gufata imwe muri izo mpunzi.
Ababanyi biwe babonyeko bitoroshe niko guhagurukira rimwe bakoma akaruru ngo barebe uwo yarahejeje guhagarikwa ko yorekurwa ariko biba ivy’ubusa. Gusa amakuru ava muriyo kambi ya Nduta akemeza ko iyo nduru ikivuga,abo mw’ikambi y’impunzi baciye bashwabaduka bibaza ko batewe,narirya bari bamaze imisi bahabwa amakuru ko umwanya n’umwanya iyo kambi ishobora guterwa hakicwa n’impunzi. Nabo nyene baciye batera induru batabaza,bene kuza guhagarika iyo mpunzi,baca batangura kurasa mu ntumbero yo kugira batatanye abo baje gutabara kugira bikunde bashike ku mugambi wabo wo gutwara uwo bari bakeneye atankomanzi.
Impunzi z’abarundi mw’ikambi ya Nduta bakibaza igituma bama banyuruzwa bamwe murabo bakagenda amazimayongo abandi bakarungikwa gupfungirwa mu gihugu bahunze bavamwo I Burundi ,abandi bagafungirwa ngaho nyene i tanzania bazira akarenganyo,ariko igihugu kibacumbikiye kikicecekera co kimwe n’ishirahamwe mpuzamakungu UNHCR kandi badasiba gutabaza kugeza n’aho leta y’ico gihugu gifatanije na leta y’UBurundi bama bahatira impunzi guhunguka harimwo no gushaka ku birukana ku nguvu.
Bagatakambira amakungu n’uwo wese abishoboye ko bobatabara bakabakura muri Ako kaga kabugarije bibaye binashoboka ko bobaronderera ubundi buhungiro mbere bakanategeka leta ya Tanzania kubahiriza amategeko mpuzamakungu ico gihugu cateyeko umukono ategeka ko impunzi zigomba kubahirizwa mu gateka kazo kokizira kikaziririzwa ku baburagiza no kubatahukana atari ku gushaka kwabo.
Tubibutseko igihugu ca Tanzania gihaye indaro impunzi z’abarundi berenga ibihumbi 100 bahawe ubuhungiro kuva mu mwaka wa 2015 bahunga umutekano muke wadutse mu Burundi bitewe no kwihagira ikiringo ca 3 c’umuhisi Petero Nkurunziza.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.