Tanzania_Nduta : Umupolisi yaborejwe igufa n’impunzi z’abarundi kubera agashavu.

Vyose vyatanguye kw’igenekerezo rya 02 Mukakaro 2024 nk’igihe c’isaha 18h30
Aho igipolice gikorera munkambi y’INDUTA cagiye kwirukana impunzi aho bari bandiye utudandazwa duto duto mugasoko Nkuko igipolice cari kibimenyereye kubirukana.Ejo haheze ibintu vyari vyahinduye isura.Abari muri ako gasoko n’ishavu na kantu barengeye ku mupolice umwe baramukubita ,bamusinzikariza ubuzima.

Nkuko amakuru ava mw’ikambi ya Nduta avyemeza ,uwo mu police yatabawe m’ajejwe umutekano bazwi nk’abasungusungu aba nabo bakaba basanzwe bazwi ku mabi menshi mubijanye no gutoteza impunzi akaba ari nabo baciye bamutabara.Kuva uwo musi gushika kuruyu wa kane igenekerezo rya 4 mukakaro 2024 igipolice kimeze magabo induta ,amazu amwe amwe arakikujwe .

"Mw’izoni yacu abapolice n’abasungusungu kuva ejo barakurakuranwa kandi baguma bahekenya amenya dufise ubwoba kuko gushika ubu tutazi n’abarundi bamaze guhagarikwa kuva hirya y’ejo uko bangana " Niko vyavuzwe n’impunzi y’induta ikaba yabivugana ubwoba .

Ni mugihe uwo babonye baca bafata ubu bakaba bamaze gufata abantu benshi cane huganjemwo abagabo kandi gushika ubu ntawuzi iyo babajana "Umugabo wanje yavuye mu bw’iherero agarutse asanga abasungusungu bamaze gukikuza inzu baca bamutwara uko nyene atan’agapira yambaye hejuru ,sinzi niyo bamutwaye yari anagwaye " bivugwa n’umupfasoni batwariye uwo bubakanye .

Uwomupolice bakaba ramukubise hafi yogupfa yaragerageje kwinyegeza munzu y’impunzi birananirana,kuko bahavuye babomora urugi rw’iyo nzu bamukuramwo babandanya kumukubita "Yaje yiruka avirirana yinjira mu nzu y’umwe mu mpunzi nawe aramunyegeza aranugara urugi mugabo ntaco vyatanze kuko impunzi z’asa n’izisize ipiripiri zaciye zibomora urugi zikuramwo uwo mu police babikoze nk’abiyahura" niko uwabirabira kure yabwiye Radio peace fm ijwi ry’urwaruka

Amasoko avuga ko Uwo mu police yaragerageje kumanika amaboko abasaba ikigogongwe abo barundi bararahira barengwa kobatamureka ahubwo umwe wese yafata ikimwegereye akamukubita .Gushika ubu izone yumunani 8
Na zone yindwi 7
Zira cazungurutswe n’ipolice hamwe n’abasungusungu "Ntawuzi amaherezo yavyo IVyo vyose vyabereye mw’izone 8 kuruhande ruhereranye n’amashengero .