Burundi : Bwa bwato 2 bw’igitoro Evariste Ndayishimiye yemerera abarundi gushika n’ubu nta n’ima .Abanyagihugu barigoga

Indwi irenga irarumanye bategereje umuhango bahawe na nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye,Yamara amaso yaheze mu nzira basa n’abategereje akatari buze,Ivyari icereze vyasubiriwe n’umwiheburo.Niko bamwe mu badandaza igitoro ku bubiko bwaco I Bujumbura bivugira.Uyu mwiheburo uvanze n’imyidogo,bije inyuma yaho umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye,kuri uyu wa 12 Myandagaro 2024,Ari kumwe n’abanyagihugu mu gisagara ca Bujumbura,yabashikirije akajambo keza k’impemburo,ko igitoro camaze gusesekera ku kivuko ca Bujumbura kizanywe n’ubwato 2.
Iryo jambo ryasamiwe hejuru n’abanyagihugu,abiruhutsa bariruhutsa bishimira ko basubiye kwiyunguruza vyoroshe,abo ingendeshwa zari zimaze kumerako ivyatsi kubera ubukene bw’igitoro,bagiye kwongera kuzifashisha mu mirimo yabo ya misi yose.Yamara ico cizere camaze umwanya urume rumara Radio Peace Fm ijwi ry’urwaruka yihutiye gushika ku bubiko bw’ico gitoro twasanze aheshi huzuye abapolisi mbere hazitijwe na vya bisinga binini bita consertina mu kinofunofu,ababizi vyifashishwa n’abapolisi mu kwerekana ko aho hantu kizira kikaziririzwa ko atangendeshwa yemerewe kuhaca canke kuhahagarara.
Abanyagihugu baganiriye n’ijwi ry’urwaruka,babwiye uruganda rwacu ko badatahura uburyo umukuru w’igihugu yokwubahuka gutangaza ibidahari hamwe kutoba Ari ukurema agatima uwuriko aracikana amwizeza ko amagara yiwe yifashe neza.Aha Abandi nabo bakiremesha bibazako coba kitarapakururwa bivanye nuko coba caje Ari cinshi cane.Ku rundi ruhande,amakenga akaba Ari menshi bibazako coba caranyurujwe kikajanwa iyo bataramenya.
Ni mugihe mu bibanza bitandukanye ahagenewe guhagarika imodoka ivyo bita parking imirongo y’imodoka Ari miremire,abazinyonga barindiriye ko ko ifirimbi ivuga ngo gitanguye gutangwa maze babe mu bambere bo kugihabwa.Kuva ico igihe umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye arivumereye,indwi irirenze atanigitonya ca essence canke mazutu abo badereva barabona !Bakidoga bavuga ko barambihwe no guhora bahwamikishwa amajambo aremesha ashikirizwa n indongozi zabo aho badasiba gushikirizako ikibazo c igitoro bamaze kugifata mu minwe.
Ni mugihe umunyagihu we asanzwe yiyunguruza hakoreshejwe imiduga canke amapikipiki we bwamaze gupfuka umunwa,uretse igiciro ca tike cadugijwe incuro zidaharugwa,n’ibiciro vy’ibidandazwa ntivyasigaye inyuma,ubukene nabwo buriyongera,ifaranga ry’uburundi naryo agaciro karyo gakoroka nk’amababi y’igiti,kugezaho ifaranga rimwe iryo bita idolari ry’abanyamerika risigaye rivunjwa ayarenga ibihumbi 6 vy’amafaranga y’amarundi ibatari bwigere bibaho kuva uburundi bwitwa igihugu yemwe no mugihe c’intambara yamaze imyaka irenga 10, ifaranga ry’uburundi ryari ryabandanije ryihagarako.
Ibi vyose bikaba abarongoye uburundi barorera,bamwe muri bo bakamenera aheru babwira Abarundi ko na kera imiduga itaraza Abarundi biyunguruza bikoze ku maguru yabo.
Igihushane cibonekeza mu mvugo z’abarongoye uburundi, umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye ari muri ivyo bikorwa rusangi vyabereye muri zone musaga kw’ibarabara rya mbere,hambavu yo kurema agatima Abarundi baruhijwe n’izo ngarukambi zifatiye kw’i kena ry’igitoro,yongeyeko uburundi butanga buri kwezi amafaranga angana na milioni 30 z’amadorari y Amerika,yose agenewe kugura igitoro.
Tubibutseko imyaka irenga 2 uburundi bwugarijwe n’ibura ry’igitoro mbere bamwe mu barundi bagikenera basa n’abacibagiwe.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.