Burundi_Zambia : Igipfungu cinshi mu migenderanire y’igihugu c’Uburundi na Zambia . Icinyegeje inyuma

Mu ntango za Myandagaro uburundi bwaratanze imfashanyo ku gihugu ca Zambia ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye hamwe n’umutambukanyi wiwe imfashanyo yahimbaye abanya Zambia ikababaza abarundi baba abasanzwe baba hanze canke mu gihugu . Hari kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2024 .

Umuryango w’umukuru w’igihugu Ndayishimiye,warafashe ingingo yo gufasha igihugu ca Zambia ivyateye impari nyinshi kubera inzara izura inzara mu Burundi,abarundi baba mu makungu bo bakaba badatahura ukungene igihugu ca mbere gikenye kw’isi cihutira gufasha ibindi bihugu .Nduwayo Emile aba mu gihugu ca Australia yagize ati : "Ni akamaramaza kubona inzara izura inzara mu Burundi ibica bigacika gushika naho abajejwe umutekano baka ibiturire ku mugaragaro kubera ubukene ,mugabo ukaja wumva ngo uburundi bwafashije ibindi bihugu " Uyu murundi akemeza ko igihe aheruka mu Burundi,aba polisi bamwatse amafara incuro zine zose bamwe bamusaba abandi bamwagiriza amakosa atakoze .

Umukuru w’igihugu mw’ijambo ryiwe imbere y’inama nshingamateka y’igihugu ca Zambia yavuzeko imfashanyo batanze ivuye ku mutima :"Ibi igihugu c’Uburundi gikoze ahanini ni kubera ubucuti budasanzwe ibihugu vyacu bifitaniye kandi twabikoze bivuye ku mutima " ijambo ryahimbaye abashingamateka ba Zambia .

Ubucuti canke imigenderanire ifise ikiyinyegeje inyuma mw’ibanga

Haraheze igihe kitari gito uburundi butarabana ryiza n’igihugu kibanyi cabwo Urwanda . Aha uburundi bukagerageza kwiyegereza ibihugu bimwe bimwe nka Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo,Tanzania na Zambia ,uburundi bwifuza kugira ijambo rinini muri ibi bihugu mbere nka Tanzaniya na Congo ho bakaba barabishitseko .

Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo,irafise ico ihuriyeko n’igihugu ca Zambia . Inyuma ya génocide canke ihonyabwoko ryakorewe abo mu bwoko bw’abatutsi mu Rwanda ,abenshi mubakoze ayo mabi bahungiye mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo,Zambia ,Burundi n’ibindi bihugu .

Ndayishimiye yoba ariko ariyegereza ibihugu vyose bisa naho bitemera ubutegetsi bwo mu Rwanda kugira ngo ibihugu vyose vyanka urwanda vyishire hamwe gutyo bitere ubwoba Paul Kagame umukuru w’ico gihugu abatinye .

Yamara Paul Kagame mw’ijambo ryiwe akunda kuvugako ivyabaye mu Rwanda mu myaka ihitiye ,arivyo vyari biteye ubwoba kandi ko babitsinze ata kindi cobatera ubwoba,akenshi yongerako ko igihugu c’urwanda ari gito mugabo kitavogerwa ko uwogambira kukigirira nabi wese ,Urwanda rwokwigwanaho atarabishikako vyaba ngombwa bakamusanga iyo aba kuko urwanda atavyo kwonona rufise.

Twobibutsa ko imfashanyo yatanzwe n’umukuru w’igihugu Ndayishimiye Varisito igizwe n’umuceri ,ibigori n’ibiharage vyose hamwe itoni ibihumbi 5 . Igihugu ca Zambia kikaba gifise abanyagihugu bangana n’imiriyo 20 .