Uburundi bwasubiriye kugaragara ku kibanza ca mbere nk’ubufise abanyagihugu bishwe n’inzara kw’isi

Hari kur’uyu wa mbere w’igenekerezo 14 Gitugutu umwaka 2024,aho ikigo mpuzamakungu Global Hunger Index caramutse gishira ahabona urutonde rw’ibihugu bifise abanyagihugu bishwe n’inzara kw’isi no muri Africa,ivyavuzweko amajambo menshi y’aba abakurikiranira hafi ivy’ubutunzi canke abanye politike.
Nkuko vyashizwe ahabona n’iryo shirahamwe mpuzamakungu ,bagarutse ahanini ku bihugu vyasinzikajwe cane n’inzara aho bavuze ibihugu 20 kandi vyose vyo muri Africa uburundi buza imbere nk’igihugu ahubwo gikwiye gutabagwa mu maguru masha ,bakaba bavyanditse mu mabara atukura kuri urwo rutonde,mu ntumbero yo kwerekana ko amazi yamaze kurenga inkombe.
Naho biruko umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye yaheruka gufata ingingo we n’umutambukanyi wiwe yo gutanga imfashanyo mu gihugu ca Zambia hagataho ivyo bihugu vyose uburundi na Zambia bikaba vyaje kururwo rutonde nk’ibihugu vyasinzikajwe n’inzara. Umukuru w’igihugu kandi yama abwira abarundi ko bakwiye kwama bavuga ko atanzara ihari.
Ivyo bikaba biruko mugihe agishika ku butegetsi yari yarihaye intumbero yuko buri munyagihugu wese mu Burundi ategerezwa kuronka ico afungura kandi umufuko wiwe ukama urimwo amafaranga kandi we akemeza ko babigezeko ,ko n’ikimenyamenya ata murundi yishwe n’inzara,kanatsinda nawe ararima akimbura,aha agahimiriza abarundi gufata isuka kugira nabo baze barimbura.
Bamwe mu banyagihugu baganiriye na radio peace fm ijwi ry’urwaruka tukimara kuronka iyi nkuru, bidoga bavuga ko ata gitangaje kubona uburundi bufata ikibanza ca mbere mubijanye n’inzara itema igatongora mu Burundi,mu gihe reta yo idatinya kuvuga ko umunyagihugu anezerewe mugihe atubitse uwavubi,bakanagaruka ahinini ku bifungurwa biheruka gutangwa na reta y’uburundi mu gihugu ca Zambia, kubwabo bakabona ko amatoni yatanzwe kurico gihugu yari akwiye gufashishwa abarundi bishwe n’inzara .
Aha twobibutsa ko mu cegeranyo c’umwaka uheze wa 2023,naho nyene uburundi bwari bwagarutse ku kibanza ca mbere mu bihugu 9 vyo muri Africa abanyagihugu bavyo bishwe n’inzara,ico gihe uburundi bwakurikirwa na Centre Afrique ,ubu naho bukaba bukurikirwa na Sudan y’epfo ,buri ihe iyo hasohotse mwene iyi raporo ,uburundi bwama busohoka buri kumwe n’ibihugu biri mu ntambara.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.