Burundi:Abatwara SOSUMO twarabahaye inka bayica amabere kandi iyo umwana apfuye umuyaya aca ataha.

Ibi vyaraye bishikirijwe n’umukuru w’igihugu mu ntara ya Cankuzo kuruyu wa 19 Mukakaro 2024 aho yararamutse yigisha indongozi inyigisho kubijanye no kuzirikana no gukunda igihugu aho yaneguye cane inyifato ya SOSUMO yo kuduza ibiciro vy’isukari ,ivyavuzweko amajambo atandukanye n’abarundi,kuko umukuru w’igihugu yari guca afata ingingo vyihuta hakubandanya kwidoga nkuko bishikirizwa na bamwe mubasanzwe bihereza isukari baganiriye na Radio Peace Fm ijwi ry’urwaruka.
Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yasavye indongozi za SOSUMO kudashira inda zabo imbere akavuga ko abarongoye sosumo bashira inda zabo imbere kandi ko bashaka gutunga gusa mugihe umunyagihugu abandanya akenye . Aha umukuru w’igihugu ahanini akagaruka ku busuma buba ku mugaragaro aho babesha ko isukari ivuye mu gihugu ca Uganda umufuko uba ugura amafaranga ibihumbi 400,ariko ko mu matohoza we yikoreye yasanze umufuko ushika mu Burundi ku mafaranga ibihumbi 243 harimwo no kuwuzana .
‘’Indongozi za sosumo ni mwikuremwo ivyo gusumira inda zanyu mwiyumvire guteza imbere umwenegihugu .Nkubu woza wumva muri sosumo baciye bagira Greve ngo kavuze kavuze kuri liberalisme ngo tugire Greve,barayigire .Twarabahaye inka bayica amabere,umwana apfuye umuyaya aca ataha liberalism niyo solution y’isukari,ntuzoza ku zimba abenegihugu kuko jewe nibo mpagarariye ‘’niko bivugwa na Ndayishimiye arongoye uburundi muri kino gihe,akongerako atakokwihanganira ahabwa amafaranga kugira afashe umunyagihugu ,ahubwo agaca ashigwa mu nda zabo.
Mu banyagihugu baganiriye n’uruganda rwa Radio Peace Fm ijwi ry’urwaruka bavugako umukuru w’igihugu ariwe avyonona munyuma akaza kwidoga,n’ikimenyamenya ngo nuko abivuga gusa mugabo adashobora kubifatako ingingo.Uyu munyagihugu wo mu Bwiza adandaza icayi,yagize ati ‘’Umukuru w’igihugu yarakwiye guca afata ingingo,hako yidoga,bica vyerekana ko ariwe avyonona,none kubera iki adafata ingingo ngo asubize ivyo biciro hasi kandi abifitiye uburengenzira ?’’ Yongerako ati ‘’Ibi bisa no kwikurako amakosa kubera himirije amatora gutyo tuzomutore mukutubesha ko atariwe yabikora’’ uyu munyagihugu akaba yabivuga yijiriwe mu maso.
Ahandi twaciye ni mu Kinama ,mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura ,aho muri babiri twaganiriye,umwe we yahavuye afatwa n’ibigumbagumba,aho yariko avuga ko kubwiwe yibaza ko uburundi bwagurishijwe kera aravye ibiriko biraba mu gihugu. Yabwiye umumenyeshamakuru wacu ati’’Nta kuntu uburundi butoba bwaradandajwe kuko abategetsi bose harimwo n’umukuru w’igihugu bose bakorera inda zabo gusa".
Aha mukamenyako ikibazo c’isukari kiza ciyongera ku ngorane z’amafaranga y’agaciro ,ibitoro,ibinyobwa bimwe bimwe,umuyagankuba ,amazi meza hakiyongerako inzara yugarije abarundi n’ibindi. Mu makuru yacu yo hanyuma tukazogaruka kubijanye n’amatora vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu aho avuga ko amatora yimirije aryoshe cane kubera ata ndyane ziyarimwo.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.