Burundi : Abajejwe umutekano mu Burundi baragirizwa n’abanyamahanga co kimwe n’abarundi baza mu karuhuko kwakwa amafaranga y’ibiturire

Nkuko vyama buri mwaka ,akenshi mu ci abarundi barafata ingendo ari benshi bakaja muri Africa abenshi bakaja mu Burundi mugabo bakidoga bavuga ko batazosubirayo kubera bakwa amafaranga n’abajejwe umutekano cane cane abakorera mu gipolisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara .

Kw’igenekerezo rya 15 Myandagaro 2024 ,hari umurundi yatwandikiye agira ati : " Ibi bintu vyo mu Burundi nahora ndavyumva ku matwi none ndavyiboneye . Twari tugeze ku ntahangwa tuvuye mu Kinama ,umupolisi aradusohora twese adusaba ivya ngombwa vyose turabimuha aca ambwira ko twariko turiruka cane kandi dutegerezwa gutanga amende y’ibihumbi 100.000 . Navyemeye mugabo ndamusaba ko yompa igitasi aranka ngo nimpfe kuyamuha gusa ,kubera twari ducerewe iyo twari tugiye narayamuhaye turabandanya tugeze kuri PSR n’ubundi baraduhagarika bo ntaco batwatse ngira nuko bari benshi sinzi icari cahabaye , birandambiye sinzobona ndahavuye "

Ibi vyiyongeye ku kindi kibazo nk’iki nyene cabaye ku murundi yaravuye muri Canada aho yatswe terefone yiwe n’ivyangombwa muri Quartier ya Kinindo igihe yaca ku ba polisi aho bicaye bakamuhagarika baca bamusaba kubasororera ,mugabo ntiyabikora iryo joro nyene akaba yararaye afunzwe kuri zone Kinindo nk’uko yabitumenyesheje . "Ndakunda igihugu canje mugabo ibihabera biteye ubwoba ,umutekano urahari nta nkoho canke amagrenades nigeze numva mugabo abapolisi bo nyene ubwabo barahungabanya umutekano. Iyo bamenye ko uvuye hanze baba baronse ivyo kurya no kunywa . Bakubwiza ukuri ko ubaha amahera iyo utayatanze ,baraguhohotera canke ugafungwa . Jewe sinzosubirayo ". Niko yabwiye uruganda rwacu n’agashavu ku murongo wa terefone.

Ibi biruko mu gihe mu Burundi havugwa ikibazo c’ikena ry’amafaranga y’agaciro ,ni mugihe uko abarundi canke abandi banyamahanga bose baza mu Burundi atanumwe aza atayafise . Ikibabaje nuko iyo bashitse mu Burundi usanga bafatwa nabi mukwakwa ibiturire no gusabwa amafaranga adasobanutse .