Burundi:Angelina Ndayishimiye abandanya kwerekana ko akomeye mu gihugu kurusha umukuru w’igihugu

Kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 19 myandagaro 2024,umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angelina Ndayishimiye yarakoze urugendo rudasanzwe mu gihugu ca Guinee equatoriale aho yamenyesheje abarundi yuko urugendo yakoze rwabaye urw’akamaro mubijanye n’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri. Abakurikiranira hafi ibibazo vy’uburundi babonako harimwo uguhushagikirika mukurongora abarundi.

Angelina Ndayishimiye akiva mur’urwo rugendo yavuzeko Atari ugutsimbataza imigenderanire gusa ahubwo ko yanashikanye ubutumwa bw’umukuru w’igihugu Ndayishimiye Varisito ivyatumye abantu benshi bavugako mu ntwaro ya cndd fdd atawufise ivyo ajejwe ko harimwo akajagari no guhushagirika nkuko twabibwiwe n’umwe mu ba nyepolitike baba mu Burundi kandi bakorana n’ubutegetsi bwa Ndayishimiye .Yabwiye uruganda rwacu ko igihugu c’uburundi kicitiranwa n’umuryango wa Ndayishimiye kuko umwe wese avyuka agakora ivyo ashaka ibiheza bikagira ingarukambi ku barundi .

Ivyo biruko mu gihe umutambukanyi w’umukuru w’igihugu akiva mururwo rugendo yaciye yihutita kubishira k’urubuga rwiwe rwa x ko muvyamujanye harimwo n’ubutumwa bwa Ndayishimiye Varisito iyo twitter nyene ikaba yaciye ifutwa inyuma y’iminota 33 bamwe mubakurikira hafi ibibazo vy’uburundi batanguye kubivugako aho banegura ivyakozwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu.

Angelina yari yanditse ko ari umunezero udasanzwe yagize igihe yariko araha ubutumwa bwa Ndayishmiye ukumuru w’igihugu ca Guinee Equatoriale Theodoro Obiang Nguema Mbasongo ,iryo jambo nyene akaba ariryo yaciye afuta inyuma y’umwanya utanakwije isaha.

Aha twobibutsa ko akenshi uwuba ajejwe gushikana ubutumwa bw’umukuru w’igihugu akunda kuba ari umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu muri kino gihe akaba ari Albert Shingiro. Bitaba ivyo uwundi akenshi yizerwa n’umukuru w’igihugu kumushikanira ubutumwa ni Umushikiranganji wa mbere ,icegera ciwe canke uwundi yohitamwo .