Burundi : Arafunzwe azira kubwira imbonerakure ko umugambwe CNDD-FDD udakwiye gusubira gutorwa mu matora yimirije.

Vyose vyatanguye kw’igenekerezo rya 21 myandagaro 2024 ahitwa mu gatabo muri komine kiganda intara ya Muramvya aho umunywanyi w’umugambwe CODEBU urongowe n’umunyepolitique Kefa Nibizi yatawe mu mvuto.Uwo munywanyi w’umugambwe urongowe n’uyu yahoze akomeye muri Frodebu, azwi ku mazina ya Éric Nduwimana akaba asanzwe anajejwe kumenyekanisha uwo mugambwe mu ntara ya Bujumbura akanawurongora muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura .

Yafashwe n’umwe mubarongoye urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD muri komine Kiganda intara ya Muramvya aho Éric Nduwimana n’ubu agifungiwe ,umugambwe asanzwe akomokamwo ugasaba ko umunywanyi wabo atogirigwa nabi canke ngo abandanye afunzwe azira ubusa ,nk’uko bishikirizwa na Kefa Nibizi arongoye uwo mugambwe.

Uyu munyepolitique asanzwe atarya umunwa mukuvuga ibitagenda neza mu gihugu ,yabwiye uruganda rwa Radio Peace Fm ijwi ry’urwaruka ko uwabo afunzwe yagirizwa kunyanyagiza impapuro z’umugambwe CODEBU mu ntumbero yo kuwumenyekanisha kandi ata burenganzira abifitiye.

Yamara Kefa we avugako Éric yariko ariyunguruza ku ngendeshwa hanyuma umuyaga ugahuha ari nako impapuro yarafise z’umugambwe zamwiyatse zigasanzara kubera umuyaga .Inyuma yaho yaciye gukubagurwa n’indongozi z’umugambwe uri ku butegetsi cndd-fdd gushikaho uwo arongoye urwaruka rw’imbonerakure ahashika aca amujana ku mufunga .

Abavyiboneye imbona nkubone,bemeza ko muvyo iyi ndongozi mu mugambwe utemera ivyiyumviro vya cndd-fdd ariwo CODEBU harimwo kurinda no kuvuga ukuri kubijanye n’agacinyizo umugambwe uri ku butegetsi ukorera abarundi kandi ko ata munyagihugu numwe azosubira kuwizera ngo awutore mu matora yimirije,ivyahavuye bitangaza abari ngaho kubona yubahutse kubivuga ahanini bikaba ari navyo vyatumye bibatera agashavu bakamuta mu mvuto .

Mu kiganiro cihariye na Kefa Nibizi atwara CODEBU yavuzeko asaba irekurwa ry’uyu bafatanije urugamba rwo kubogora igihugu kuko afunzwe azira ubusa kandi ata n’icaha yakoze .Kefa asaba abajejwe ubutungane kudatinya igitsure bagaca izibereye na cane cane bagahagarira ituze muri kino gihe c’amatora .

Aha mukamenya ko ivyo kutihanganiranirana mu migambwe vyibonekeza mu ntara nka zose ,aho usanga abakomoka muyindi migambwe atari cndd-fdd, usanga bakubagurwa ,bakanyuruzwa abandi bakicwa bagatorwa ari ibiziga,nk’uko bidasiba kwibonekeza mu matohoza yama yashizwe ahabona n’amashirahamwe yigenga nka Ligue iteka,Acat Burundi na SOS Torture .