Burundi:Athanase Karayenga asaba umukuru w’igihugu Ndayishimiye Varisito gutanga imihoho ku neza akabisa Rwasa canke Bamvuginyumvira

Mu kiganiro cihariye Athanase Karayenga yahaye Radio Peace Fm ijwi ry’urwaruka kur’uyu wa kane igenekerezo rya 04 Mukakaro 2024,yavuze ko atayindi nyishu abona ishobora gukura Uburundi mu manga bwashizwemwo na CNDD-FDD atari ugutanga imihoho akabisa ababishoboye.
Uyu mumenyeshamakuru asanzwe akurikiranira hafi ibijanye na politique y’uburundi, yabwiye ijwi ry’urwaruka ko mugutanga imihoho kwiwe hazokira ibintu vyinshi kandi abarundi n’amakungu bakanabimwubahira <
Umumenyeshamakuru wacu amubajije icokurikira inyuma yo gutanga imihoho ,Karayenga yasubije ati :<
Hokurikira iki mugihe Ndayishimiye atoshima icifuzo ca Karayenga
?
Karayenga avuga ko abarundi atari abana kandi ko bazomenya ico gukora kuko umutegetsi ariwe yama akenera umunyagihugihugu gusumba uko umunyagihugihugu yokenera umutegetsi. Yongera ko ivyo bikwiye kuba kugira Uburundi busubirane iteka bwatswe na Ndayishimiye inyuma yo guhemukira abarundi kandi ko bafise uburenganzira bwo kumubogoza atagisabwe .
<
Naho Athanase Karayenga avuga ko igihugu kigeze aho umwansi ashaka ,abonako Uburundi bukwiye gutunganya amatora meza kugira abashoboye gutwara batware Uburundi, we akabona ko uburundi bufise amahirwe kuko busanzwe bufise abakiri bato n’abandi benshi kandi babiboshoboye .
Athanase Karayenga akaba asanzwe akurikiranira hafi ibibazo bihanze Uburundi, akaba n’umumenyeshamakuru yigenga.
Nawe shikiriza iciyumviro cawe aho munsi
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.