Burundi:Evariste Ndayishimiye arongoye uburundi yemezako uburundi arico gihugu ca mbere gitunze kw’isi.

Mu ntara ya Cibitoke kur’uyu wa 25 Gitugutu 2024 aho Ndayishimiye yari aramutse yugurura icese KABU16 ,yagarutse ku bisata bitandukanye ,ariko ahanini yagarutse cane kw’iterambere ry’umuyagankuba,aho yasavye ishirahamwe Regideso kwijukira gutanga umuyagankuba ku mahinguriro manini na mato,kubera uburundi ari igihugu giteye imbere kw’isi.
‘’Kw’isi nta gihugu gitunze kuruta Uburundi’’ Ibi yabigarutseko mu gihe yariko arabwira abaraho ko Uburundi bugeze ku rugero rushimishije mu bijanye n’ubutunzi,ko uburundi butanagisaba imfashanyo,ahubwo umukuru w’igihugu ubwiwe,yibwiriye I Bank nkuru y’isi ko adashaka imfashanyo,ahubwo ashaka ideni azoriha mbere akanabahana n’inyungu bipfuza.
Igihe yabwira abanyagihugu baraho ivyo, yarahejeje kubabwira ko hari abategetsi batemera ku mushigikira mu bijanye n’iterambere abo yise ba Sanibarati bitambika mw’iterambere ryiwe kandi ko bihenda kuko atawuzosubira gusubiza inyuma Uburundi,ni mugihe yagarutse kandi kubijanye nuko mu Burundi ,buri munwa wose ufise icurya,kandi buri mufuko wose ufise amafaranga,gutyo abansi b’igihugu aribo bonyene batabitahura.
Umukuru w’igihugu yongera kandi ati : "Ni basenge shetani najewe nsenge Imana turabe uwuzotsinda uwundi’’ Mugushikiriza aya majambo agaruka cane kubijanye nuko mu Burundi ata muntu n’umwe akigwara Kwashi ,kandi ko no kubona inzu ya nyakatsi ari igihamana. Aha agashavu karaniga kubijanye n’abarundi bagenda bambika ibara uburundi bavuga ko ari igihugu ca mbere gishonje kw’isi ko ari abansi bigihugu batifuza iterambere.
Ni mugihe yariko avuga ko mu misi iheze hari ibimenyeshamakuru vyakoreshejwe n’abansi b’igihugu mugushira ahabona uburundi nk’igihugu gifise abanyagihugu bishwe n’inzara ,amakuru asa nayababaje cane reta y’uburundi kuko yo ibibona ugutandukanye. Ndayishimiye avuga ko abifashijwe n’igihugu c’Ubuhinde ,ubukene kwaheze burundu kuva munmwaka w’2015,aho uburundi bwafatirwa ibihano mugabo Ubuhinde bugaca bwifatanya n’uburundi mu ntumbero yo kudahanga amaso amakungu .
Aha twobamenyesha koi bi biruko mugihe himirije amtora asa nayamaze kwadukamwo induru,kubera reta iriko irahimirirza abarundi kw’isansumisha inyuma yo tutozwa amafaranga reta ivuga arayo gushigikira amatora,ivyo abanyagihugu baterekwa mu ntara zitandukanye aho bavuga ko reta isanzwe itunze nkuko Ndayishimiye avyivugira gutyo hatari hakwiye gutozwa amafaranga ku gahato.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.