Burundi:Joe Philbert Karangwa asaba abarundi guhaguruka bagaharanira uburenganzira bwabo.

Haraheze imisi hirya no hino mu gihugu havugwa abantu banyuruzwa n’iperereza abenshi muribo akaba ari abadashigikiye ko CNDD FDD yosubira gutsinda amatora ibi bigashikira abatavuga rumwe na Reta ariko ubuho hakaba harimwo n’imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi nazo zinyuruzwa. Karangwa akabona ko ari abanyagihugu ubwabo bo guhaguruka bakanka ayo mabi mu kwigwanira.
Kw’igenekerezo rya 14 Gitugutu umwaka 2024 muri zone Nyakabiga hari umunyagihugu yanyurujwe n’umuduga ufise ibiyo bitabona afatwa akuwe mu bantu mugabo bose bagira ubwoba kuko babonye uko yafashwe n’abi mu bamufashe hakaba hari harimwo uwambaye umwambaro w’igi polisi ,abanyagihugu barakomye induru ikimuhagurukana ,naho ataco bashoboye gukiza barasemereye mugabo biba ivy’impfagusa, kuko uwo muduga waciye uhagurukana inguvu nyishi werekeza mu gisagara ca Bujumbura ,uwo mu nyaguhugu akaba atigeze amenyekana umwirondoro wiwe,gushika n’uyu munsi.
Ahandi hanyurujwe umunyagihugu ni muri komine Mutimbuzi ,aho haje umuduga wo mubwoko bwa Probox,abari barimwo bambaye gisivire bamuyorera muruwo muduga,mugabo abanyagihugu bari bahari barasemerera baranka ko bamutwara ariko guca bamuhenurira hasi arokoka gutyo. Amakuru twaronse yemeza ko uwo munyagihugu yarari ku rugendo agana I Bujumbura ,urugendo yari ariko ico gihe rukaba rutabandanije,kuko abo banyagihugu nyene baciye bamucumbikira ,bikavugwa ko atanuwamenye ukuntu yahavuye .
Abanyagihugu bakwiye kubandanya bafatana mu nda bakigwanira kugira ntihasubire kwibonekeza abanyuruzwa abandi barorera
Joe Philbert Karangwa arongoye Radio Peace Fm Ijwi ry’urwaruka,asaba ko abanyaguhugu bakwiye kwama bafatanye munda mu ntumbero yo kwigwanira,kuko banyuruza umubanyi ejo bakanyuruza wewe,”Ndakeje cane abanyagihugu bakoze uko bashoboye umunyagihugu yaragiye kwicwa akarokoka,iyaba abanyagihugu bose bagira uwo mutima hogera igihe iperereza ry’uburundi rikabonako abanyaguhugu bafatanye munda bidakunda ko babanyuruza uko bishakiye’’ Niko bibonwa na Joe Philbert.
Kubwiwe mugihe abanyagihugu boza baratabarana gutyo ,hogera n’igihe iperereza ribona ko bitagikunda, Philbert akabonako n’abobaca muryahumye bagatwara umunyagihugu,bakwiye guca bakurikira uwo muduga bakamenya aho umutwaye gutyo bikoroha kumutabariza hazwi umuduga wamutwaye uwariwo,agira ati :’’Mu bwitonzi nta ngere birakwiye ko abanyagihugu bakurikiza ijisho umuduga uba unyuruje umuntu ,bakifashisha ama pikipiki canke iyindi miduga bakabona aho yinjijwe gutyo bagatabariza uwo muntu." Ibi akaba abivuze inyuma yaho haguma havugwa abanyagihugu banyuruzwa n’ipererza bagaca batorwa ibiziga munyuma.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.