Burundi :Joe Philbert Karangwa asaba abarundi kuba maso kuko amatora yimirije ashobora kubamwo imvururu

Amatora yimirije ashobora kubamwo imvururu zisumba cane izindi imvururu zagiye ziribonekeza mu yandi matora yagiye araba kuva umugambwe CNDD-FDD ugishika ku butegetsi. Joe Philbert Karangwa akaba abivuze inyuma y’inyifato idasanzwe yo gutoza amafaranga adasiguritse bikorwa n’ubutegetsi bwa Ndayishimiye Varisito.
Hari mu kiganiro cihariye Joe Philbert Karangwa arongoye Radio Peace Fm ijwi ry’urwaruka yahaye I Radio aserukira ,kur’uyu wa gatanu w’igenekerezo rya 13 nyakanga 2024 ,kuri mikro ya Jeane D’Arc Gikundiro arongoye uruganda rwo kumenyesha amakuru kuriyo Radio .
Karangwa ahanini avugako amatora yimirije ashobora kubamwo imvururu zidasanzwe afatiye kubijanye n’ukutihanganiranirana kw’imigambwe kwibonekeza mu mihingo yose y’igihugu ,kuriwe ngo biruta n’ivyo mu matora aheze canke ayo 2015 ,kuko ubu n’imigambwe isa naho yahora itahura ivyiyumviro vy’umugambwe CNDD-FDD isa naho yaguye mu gahundwe . "Imigambwe bisa nkaho yahora itahura ivyiyumviro vya cndd-fdd ubu iriko iricuza kubera ivyo bari babitezeko babonye igihushane cavyo, raba nawe kuba ifaranga rimwe ry’irinyaburaya rigeze ku bihumbi umunani ,raba kuba inzara yishe abarundi ugafata n’utwari kuramira bamwe bamwe ukaduhereza ikindi gihugu ,raba ivyegeranyo bitangwa n’amashirahamwe yigenga ukuntu badasiba kwerekana abishwe bagatabwa mu mirima ,mu mashamba no mu nzuzi kakaba akamizwe n’ingoma ,ibitoro vyabaye ikibazo gikomeye ,none ubona cndd-fdd iriko itwara abarundi hehe ?" Niko Joe Philbert avuga n’akababaro .
Aha yongerako ikibazo kidasanzwe co gutoza amafaranga yise "zana amagi zana amasoro " aho umugambwe uri k’ubutegetsi wubahuka gusaba amafaranga adasiguritse ngo nayo guterera umugambwe CNDD-FDD kugira uzokwiyamamaze neza . Agira ati : "Ayo mafaranga ariko aratozwa yategerezwa gutangwa n’abanywanyi b’umugambwe uri k’ubutegetsi cndd-fdd gusa ,birateye agahinda kubona banatoza ayo mafaranga abari muyindi migambwe ,batayatanga bakitwa abansi b’igihugu gushika aho banakwa uburenganzira bwo kwinjira mu masoko canke guhabwa agasukari."
Abarundi bakwiye gutsinda ubwoba bakanga gutwagwa nk’intama zijanywe ku macuniro
Kuri ibi ,Uyu arongoye ijwi ry’urwaruka abonako abarundi bo nyene ubwabo nibatahaguruka ngo banke gutwagwa nk’inama zitwawe ku macuniro ,hazogera igihe bakakwa uburenganzira bwabo burundu ,gutyo abarundi bose bagasigara ari abanywanyi b’umugambwe cndd-fdd, umugambwe bisa nkaho ufise intumbero yo gusubiza uburundi mw’ihumbi "
Aha twobibutsako buri gihe iyo himirije amatora ,hama haba indyane kuva umugambwe CNDD-FDD washika ku butegetsi. Mu matora aheruka hakaba harahunze abarundi barenga ibihumbi amajana atanu, nubu bakiri mu buhungiro, uretse abari baragize ubwoba bagahunga bahavuye batahuka abandi bavuga ko batarota batahuka ,ahubwo n’abandi bariko barahunga amatora yimirije.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.