Burundi : Ni mutohoze kuri buri mutumba mumenye abakeba batari muri CNDD-FDD

Mu Burundi kuva umugambwe CNDD-FDD washika ku butegetsi mu mwaka 2005 ,hatanguye urugamba rwo kwikurako abo bita abakeba (abadashigikiye ivyiyumviro vy’umugambwe CNDD-FDD)ari navyo bikibandanya nk’uko biri ku mpapuro bakoreyeko ama rusasuma y’abanywanyi bayo n’abo batavuga rumwe .

Kuva hagati y’iyi ndwi turiko turasozera
kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro 2024 haribonekeje impapuro z’umugambwe CNDD-FDD zibafasha gukora rusasuma rw’abanywanyi bawo kuri buri mutumba ,ibi bikaba vyarateye ubwoba abasanzwe bari muyindi migambwe ,abafatwa nk’abakeba nk’uko biri mu mpapuro bakoresha ico gihe mukwandika abanywanyi babo kuri buri Gacimbiri.

Ijambo ry’umutwe kururwo rupapuro ,handiko ko ari "Ifishi ya Rusasuma rw’abagumyabanga kuri buri Mutumba ,agacimbiri ,n’Inama shingiro . Icatangaje abantu n’ibindi vyanditse hagati aho bashizemwo ngo "(Icitonderwa ni ukumenya Igitigiri c’abakeba)" .

Kumenya igitigiri c’abatutsi baba mu Burundi ?

Umwe mu barundi baba mu makungu yatwandikiye ati :"Murabona ko DD ataco igitinya nkuko twese turi ibijuju.La population burundaise bayifata nkuko on est des jouets que les enfants utilisent pour faire des jeux .Il faut ko bivugwa caaaane bikaja ahabona ,nta kubifata minenerwe ."

Uwundi munyagihugu yaganiriye na Radio Peace Fm ijwi ry’urwaruka yavuzeko ibi ataho bitandukaniye no kumenya ubwoko bw’abo bariko barabarurwa kuko ari mu ntumbero yo kumenya abatutsi baba kuri buri mutumba . Yabivuze ababaye cane asa n’uwidoga .

Ivyo biruko mugihe kuva mu mwaka 2015 ,hatanguye indyane zikomoka ku kiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza kitahurijweko n’abanyamigambwe ari naho reta yari ihari ico gihe yavuga ko ari abo mu bwoko bw’abatutsi bashaka kugaruka ku butegetsi hataragera .Kuva ico gihe abava mu mugambwe uwanya reta y’uburundi ariwo MSD ,baraburabujwe bamwe batabwa mu mvuto ,abenshi barahohoterwa abandi baricwa .

Inyuma yaho hakurikiye uruhigi kubo bita abakeba nyene mugabo b’ibipinga ,aho umugambwe CNL wakubaguwe uhereye ku banywanyi bawo kugeza bawuciyemwo ibice bibiri .Izo mpapuro rero zahawe abo munzego zose bategekwa gushirako amazina ,Akazi akora ,CNI ,Imyaka ,igitsina na Numero ya terefone .

Aha twobibutsako iyi Rusasuma iza yaramaze guhera mugabo baguma bandika cane cane abo mu bwoko bw’abatutsi mu ntumbero yo gutanga vy’abitigiri vy’abakeba mugihe Rusasuma yategerezwa kumara imisi 3 gusa nukuvuga kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika 13 Myandagaro 2024 mugabo n’ubu rikaba ikibandanya .