Burundi-Rwanda :Gutanga abashatse guhirika ubutegetsi bari mu Rwanda n’igihe c’umwanya gusa bazobaduha ,Albert Shingiro

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 myandagaro 2024 ,umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Albert Shingiro yemeje abaraho ko hari icizere ko abasahatse guhirika ubutegetsi bagahungira mu Rwanda,kari igihe c’umwanya gusa ko impera n’imperuka Urwanda ruzobaha uburundi.
Albert Shingiro yemezako ata muryango n’umwe ubura ingorane ko igikuru aruko uwo muryango uheza ukicara kugira ngo utorere inyishu ingorane ziwuhanze. Aha ahanini yabivuze agaruka ku kibazo kiri hagati y’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo n’igihugu c’Urwanda ,aho yaciye agaruka ku kibazo c’uburundi n’urwanda .
Shingiro avuga ko kuva mu mwaka 2015 vyashitse imigenderanire y’urwanda n’uburundi igatosekara kubera abashatse gukirika ubutegetsi baciye birukira murico gihugu c’urwanda,Uyu mushikiranganji akaba yasubiriye gusaba igihugu c’urwanda ko cobaha abo bagize uruhare mu guhirika ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza kugira barengutswe imbere y’intahe.
Uyu mushikiranganji abona ko uburundi n’urwanda ataho bizoshirana kandi ko bitegerezwa kubana ,avuga ko ata muntu yihitiramwo umubanyi ,ko umubanyi yaba mwiza canke mubi mutegerezwa kubana kuko azokwama iruhande yawe mwese mubonana. Igikenewe ahanini n’inzira yo kuganira kugira abo bakoze ivyo vyaha bahanwe ,akaba yavuzeko yizeye ko bizokunda ahubwo ari igihe c’umwanya gusa kandi ko ibi bihugu mu misi iza bizobana ku neza y’abanyagihugu.
Naho biruko umwe mubashize ahabona ivyiyumviro vyabo ku rubuga rwa Youtube kuri kimwe mu bimenyeshamakuru bikorera ku rubuga ngurukanabumenyi ,yanditse ati :’’Nyakubahwa Shingiro ,kugerageza coup d’etat no gukora Genocide,ni igiki gikomeye kuburyo burigihe mwitwaza abagerageje guhirika ubutegetsi ariko ntimuvuge bamwe mu bayobozi baba muri cndd-fdd bakoze genocide yakorewe abatutsi mu RWANDA ? Abo nibo bagomeye kiremwa muntu gusumba uwundi wese nabo mubashire ahabona bahanwe n’amategeko.’’
Tubibutseko kuva mu mwaka 2015 ,ariho imigenderanire y’burundi n’urwanda yatosekara,bivuye ku kiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza cari kinyuranywe n’amategeko nkuko biheruka gushigwa ahabona na sentare y’akarere ka Africa y’ubuseruko. Kuva ico gihe Urwanda n’uburundi bitana abakeba kuko uburundi busaba abashatse guhirika ubutegetsi bahahungiye nayo urwanda narwo rugasaba abakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mu mwaka 1994.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.