Makamba : Imbonerakure 5 zaraye zipfuye izindi 50 zicika amaguru n’amaboko inyuma y’umusi mukuru wa imbonerakure day

Hari kuruyu w’Imana igenekerezo rya 1 Nyakanga umwaka 2024 ,neza na neza hagati ya nyengwe na Muguruka aho bita Mwirimbo, muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba, aho imbonerakure zari mu muduga zitashe zivuye mu musi mukuru uba buri mwaka bise imbonerakure day ,zahuye n’isanganya .
Amakuru turonka akavuga ko iyo nsanganya yavuye cane cane ku gupakira abantu benshi mu muduga barenze abo wagenewe .Muruwo mwanya nyene imbonerakure imwe 5 zaciye zihasiga ubuzima ,izindi zishika 50 ziba ibimuga abenshi murizo bakaba bacitse amaguru."Abantu benshi muribo ,baracitse amaguru abandi bacika amaboko ,ahubwo wogira ngo nivyo bari babaroze" niko isoko ryacu ryavyiganye bisa nkaho afise ubwoba kuko vyabereye mu maso yiwe avyibonera .
Ababibonye kandi bemezako inyuma yo gupakira abarenze igitigiri candikiwe imodoka bari barimwo ,ko habaye guhura n’ikamyo ikorera ishirahamwe ry’abashinwa gutyo mukubisanya ,umuduga warimwo izo mbonerakure uca uratembagara .isoko rivugako hambavu yo kuba uwo muduga warupakiye abarenze ibibanza ufise ,uwo muduga barimwo wabisikanije n’umuduga ukorera sosiyete y’abashinwa ari nako guca haba insanganya uwo muduga warimwo izo mbonerakure uca uratembagara.
Ivyo bimaze kuba kubera ikibazo c’abaganga bake batari gushobora gukurikirana abo bagize iyo nsanganya isoko ryacu muri komine Nyanza-Lac rivuga ko haciye hitabazwa abandi baganga bakuwe ku bindi bitaro kumvo zo gutabara izo Mbonerakure,hari mu ntumbero yo gukinga ko bashobora kuguma bapfira kwa muganga.
Abategetsi na cane cane bari murivyo birori nk’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo aremeza aya makuru gusa akemeza ko hapfuye umuntu umwe gusa kandi umugambwe witeguriye kumushigikira mu buryo bwose bushobora akaba yabivugiye igihe bariko barasozera ivyo birori vya imbonerakure day.
Mukanenya ko umusi mukuru wahariwe imbo imbonerakure wama uba buruko umwaka utashe mu Burundi.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.