Burundi:Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yemezako ibibazo vya 2015 vyatewe n’ubutare Nkurunziza yaragiye gushira ahabona .

Hari kur’uyu wa gatatu igenekerezo 21 aho umukuru w’igihugu Ndayishimiye yariko aragiranira ikiganiro n’urwaruka rwize ibijanye n’ubutare hamwe n’abigisha murico gisata muri kaminuza y’uburundi aho yavuzeko indyane za 2015 zakomotse ahanini kubijanye n’ubutare umukuru w’igihugu w’ico gihe Petero Nkurunziza yari yabonye.

Ndayishimiye avuga ko nawe yiteguriye intambara zidasanzwe ,inyuma yaho nawe yerekaniye ubutare bwari bwaranyegejwe kandi ko abazana mwene izo ngorane nyene ari bamwe mu barundi bakomakomeye kubw’umukuru w’igihugu yemezako kuva amaze kubona ubutare budasanzwe mu ntara ya Kirundo I Murehe,ariho ibibazo vyaciye bitangura kuvyukura ,hakaba hatanguye guturika inkuba mu kigo kijejwe amakori n’amatagisi OBR,hamwe no m’ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka.

Ndayishimiye avugako indyane zo mu mwa 2015 ahanini zazanywe n’ubutare bwari bwashizwe ahabona na Petero Nkurunziza yatwara uburundi ico gihe ,inyuma y’inama rukokoma yakoreshejwe mu mwaka 2012 yatumiwemwo intwazangabo zo mu gipolice no mugisirikare hamwe n’ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka I Mbuye mu ntara ya Muramvya,Nkurunziza asaba umushikiranganji gusigura ubutare n’agataka uburundi bufise ivyo Neva yemeza ko ariho haciye hatangura indyane n’icuka kibi muri politique.

Ico gihe Nkurunziza yagabishije intwazangabo ko intambara igiye gutangura gutyo haca hitwazwa amasezarano ya Arusha ahubwo ikibazo nyamukuru ari uwo mugambi umukuru w’igihugu yari atanguje mugamo intumbero nyamukuru kwari ukugira ubutunzi bw’uburundi ntibugirire akamaro abarundi,aha Ndayishimiye akaba yemeje abaraho atakurya umunwa ko ingorane zose zihanze uburundi ,ari isemo ya 2015. Avugako ibintu vya ekonomi bidapfa umusi umwe,ko icamwa c’ubutunzi ukirima kikama atakabuza abarundi bariko barasoroma icamwa catewe mu mwaka 2015.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yemezako yazanye abahinga muvy’ubutare,bakamwizeza ko ubutare buri mu kirundo,bwonyene bwotuma uburundi bwogorora mubijanye n’ubutunzi,ariko ko ingorane nyamakuru ari ishetani yaciye ihaguruka ariko kugira abarundi babishikeko bisaba ko baca bugufi imbere yayo narirya uburundi bufise amahirwe mugeze kure mubijanye n’uburimvyi aha agashima Imana ko yatembereye uburundi bwose akabura umwana n’umwe agwaye kwashi.

Aha tukabibutsako mu mwaka 2015 ,habaye indyane zikomoka ku kiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza,aho abaharanira agateka ka zina muntu ,abanyamigambwe n’abanyagihugu bihereje amabarabara basaba ko hokwubahirizwa amasezerano y’I Arusha yateweko umukono mu mwaka 2000.Kuva ico gihe abarundi bababa ibihumbi 500 ,barataye baromoka bandi barafungwa ni mugihe abaganguwe ico gihe n’ubu ata gitigiri nyezina kirashirwa ahabona kuko abishwe banyurujwe aribo benshi n’ubu bagitorwa mu minogo rusangi.