Bujubura : Inyuma yo kuhafatira ibigwanisho imbonerekure ziguma zirara mu banyagihugu zibaboreza igufa

Vyose vyatanguye ku musi wa kane w’indwi iheze aho hafatwa ibigwanisho ku munyagihugu yitwa Niyikiza Augustin woku gacimbiri Micanga muri zone Maramvya kw’ibarabara rya 13,kuva ico gihe gushika mur’iri joro ryakeye ryo ku wa 17 ushira 18,imbonerakure ziguma zirara mu banyagihugu zibahohotera,abanyagihugu bagasaba gutabarwa.
Abo banyagihugu bo muri zone Maramvya,bidoga bavuga imbonerakure zibaraza ku risongoye inyuma yaho hafatiwe ivyo bigwanisho murako gace basanzwe baherereyemwo,bemeza ko kuva ivyo bigwanisho bifatwa gushika muri iri joro ryakeye,ata mahoro bafise kubera izo mbonerakure zibahohotera zitwaje ibisasu ntezwantoke bine vyatowe inyuma y’inzu yo kwa Augustin.
Aha bagatanga akarorero ko ku w’Imana uheze aho uwitwa Ntawukenabishaka Boniface wo ku gacimbiri Sinyeri yategerewe n’izo mbonerakure avuye ku kazi,agakubitwa agashaya gushika n’ubu akaba atararonka ubutungane ,inyuma yo gusinzikazwa n’urwaruka rwuwo muhari uri ku butegetsi cndd fdd akaba yarituye uwutwara agacimbiri abamwo yitwa Bazamura Etiene ha kumutunganiriza akaba yaciye amubwira ahubwo ko yomuva mu maso agatahana akaborerwe kiwe.
Ku musi wa gatatu buca ari kuwa kane,umunyagihugu yitwa Claude atazirwa KORUMUTI ,nawe yarahohotewe n’imbonerakure igihe zamusanga ariko aravoma amazi kw’I bombo rusangi inyuma yo kumusinzikariza ubuzima ,izo mbonerakure zikaba zaciye zigenda zimujanye ku gi polisi bamwagiriza ngo yabagwanije anabamenagurira amaterefone gushika n’ubu nawe ntaratunganirizwa.
Amakuru duhabwa n’isoko ryacu mu Maramvya,yemeza ko uyu mu nyagihugu yahavuye anafungwa aho gutunganirizwa, ico bikoze yahavuye arekurwa ku musi w’ejo w’igenekerezo rya 17 Gitugutu 2024,abanyagihugu bakabifata nk’akarenganyo bagasaba ko mwene izo ngeso zohagarara n’inyuma yaho kuva ku musi wa gatandatu w’indwi iheze gushika uyu musi ,imbonerakure zikubita umuntu wese zihuriye mw’ibarabara kuva ku masa ya samoya.
Abanyagihugu bo mu Maramvya bafise impungenge,ko nibitahagarara bashobora gutana mu mitwe n’urwo rwaruka mu kwivuna kuko bamaze igihe kinini mu karenganyo ha kugira batabagwe n’abajejwe ntwaro ahubwo bakirabira hirya ,aha bakagiriza n’umukuru w’umutumba yitwa Baramboneranye Fabiyano asanzwe ari n’umu Pasteur wo mw’ishengero rya Minevam ko ariwe yabagomoreyeko izo mbonerakure aho yatanze uburenganzira ko ata muntu numwe yifuza kubona mw’ijoro.
Aha abanyagihugu bagasaba abatware bo hejuru kubagarukirako kuko amasaha asabwa n’umukuru w’umutumba ko ya samoya ko ata munyagihgu yifuza kubona ,aba ariyo masaha abenshi ababa bagiye gusuma kuko abenshi muribo ababa bavuye mu buzi amasaha ya cumin a zibiri.
Urwaruka rw’imbonerakure rwama rwagirijwe amabi menshi mu gihugu cose aho bama bifatira ingingo zo guhohotera abanyagihugu,nabo bakabura aho bitwara kuko inzego zose usanga zigizwe n’abakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi,akenshi mbere mwenayo mategeko yo guhohotera abanyagihugu agatangwa n’abatware usanga bari mu nzego z’igihugu .
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.