Burundi:Abantu bagandaguwe ku ntwaro ya Ndayishimiye Varisito baruta kure abishwe ku ntwaro ya Nkurunziza

Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue iteka, kivuga ku myaka ine n’amezi 2 iheze umukuru w’igihugu Ndayishimiye atwara uburundi, ico cegeranyo kikaba cashizwe ahabona mu mpera zino ndwi dusozereye.

Aha Anshaire Nikoyagize arongoye Ligue iteka, avuga ko abantu bagandaguwe barenze na kure cane abishwe ku ntwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza aho Ligue iteka yemezako ko ku ntwaro ya Nkurunziza ariho hari amagume adasanzwe ,mugabo Ligue iteka igatangazwa n’ivyo bitigiri vy’umurengera mu gihe reta y’uburundi iguma ivuga ko mu Burundi amahoro ari umusesekara .

Anshaire yemezako abantu bishwe bangana n’ibihumbi 2436 ,aha hakaba harimwo ibiziga vyagiye biratorwa hirya no hino mu gihugu cose ababikoze bakaba batigeze bamenyekana gushika n’uyu musi. Uyu arongoye iri shirahamwe, avuga ko n’aho aba bantu bakora aya mabi batazwi ko uravye uko biba biteguye ,reta ishobora kuba ibazi .

Ibi babivuga ahanini bifashishije amatohoza bakoze ,bagasanga hari abanyagihugu bashika 445,bagandaguwe n’abakozi ba reta ,aha Ligue iteka ikavugako naho biruko hari n’abandi bishwe muri bimwe bizwi nk’ubwicanyi ndengerabutungane bashika kuri 45 .

Umunyepolitique yegereye reta cane twaganiriye kubijanye n’iki cegeranyo ntiyabihakanye canke ngo avyemeze ,ico bikoze avuga abatorwa bishwe nawe ahora abumva abandi akanabibonera ,mugabo adaheza ngo aharure ngo amenye neza nimba ivyegeranyobitangwana Ligue itekaatakurenza urugero birimwo. Uyu munyepolitique atashimye ko tuvuga izina ryiwe ntarya umunwa mukuvuga ko abo bose bashizwe ahabona na Ligue iteka ko aribo bagandaguwe ,bashobora kwigwiza nka 3 bagashika mu bihumbi 6 ,akabivuga afatiye ku cuka kiri mu Burundi mugihe amatora asa nayageze .

Abaharanira agateka ka zina muntu bakorera mu Burundi bo bemeza ko ata muntu n’umwe afungiwe ubusa ,ata bantu bagandagurwa uretse abapfa amatongo ,abandi nabo baja kwinyegeza mu gihugu kibanyi c’urwanda imiryango yabo igaca ikorana n’amashirahamwe yigenga akorera mu buhungiro ,mukuvuga ko bishwe canke banyurujwe kandi bibereye mu Rwanda .

Akenshi muri ibi vyegeranyo bikunda gushigwa ahabona n’ishirahamwe Ligue iteka canke Focode ,bama baca basaba ayo mashirahamwe akorana na reta ,kwerekana abo bantu ,mugabo akaba ata muntu nummwe barerekana ko akiri muzima ,mugihe yanyurujwe canke yishwe .

Twobamenyesha ko amatora asigaje ikiringo kitanakwiye n’umwaka ,ariko n’ukutihanganiranirana kw’imigambwe kwibonekeza hirya no hino Burundi, aho abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na reta iguma iburabuzwa ,ingoro zayo zigasamburwa bakanatozwa ku gahato amafaranga adasiguritse bise ayo guterera umugambwe CNDD-FDD.