Burundi : Red Tabara yemeza ko yagandaguye abasirikare b’uburundi muri Congo bashika kuri 45 harimwo n’intwazangabo

Kur’uyu wa 26 Gitugutu 2024,umuhari urwanya reta y’uburundi ukoresheje umuheto Red Tabara,wavuze ko abasirikare b’uburundi hamwe n’abo bafatanije bashika kuri 45,basize ubuzima mugihe bariko baratana mu mitwe,Red Tabara ikavuga ko murabo bishwe harimwo n’intwazangabo y’uburundi.Ni mugihe reta y’uburundi yo ivyita kwidigadiga .

Vyose biri mw’itangazo uwo muhari uvuga ko uzogwana kugeza reta ya CNDD FDD itembagaye canke hakaba ukuganira mu ntumbero yo gutegura amatora yitabiriwe n’imigambwe yose ryashizwe ahabona kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu umwaka 2024,aho bavuga ko reta y’uburundi ibandanya kuhahombera abasirikare ,urwaruka rw’imbonerakure hamwe n’abandi bose bafatanya mugihe bavuga ko bariko barahiga umuhari Red Tabara,muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Muriryo tangazo ryateweko umukono na Patrick Ndahimana asanzwe avugira uwo muhari wiyemeje guhabuza igihgu nkuko babivuga ,ahanini bagaruka cane kuri ico gitero bavuga ko cari gihambaye cabereye ahitwa muri zone Itombwe,Kaberukwa ,Ngumiyano na Ibaciro. Red Tabara ivuga ko abasirikare barenga 30 bakomeretse bikomeye aho baciye batwarwa kuvurirwa mu gisagara ca Bujumburu ,umurwa mukuru w’ubutunzi ahitwa I Rwantanamo.

Ikindi abo barwanyi bavuga ,nuko mubahasize ubuzima,harimwo umusirikare w’ipete rikomeye rya Lieutenat Colonel ,azwi ku mazina ya Nyandwi Simon wo mw’ikambi ya Mabanda mu ntarara ya Makamba ni mu bumanuko bw’uburundi,iyo ntwazangabo ikaba ari n’icegera c’uwutwara abasirikare ba reta y’uburundi barungitswe muri Kivu y’ubumanuko ,muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Muriryo tangazo nyene ,Red Tabara ivuga ko ibabazwa n’inzirakarengane z’abasirikare ba reta y’uburundi ziguma zihasiga ubuzima ,gutyo bagahamagarira Reta ya Ndayishimiye n’igisirikare c’Uburundi kutabandanya batakaza umwanya mukubashora kuri songoye,kuko urugamba biyemeje bazoruhuka aruko barutsinze nkuko Nahimana akunda no kubivuga akenshi mu matangazo asohora.

Ico bikoze Reta y’uburundi ibicishije ku muvugizi w’igisirikare c’uburundi Gaspard Baratuza ,ntibavuga ko uwo mugwi utabaho ,ahubwo bavuga ko ivyashikirijwe na Red Tabara ari ukwidigadiga ko ahubwo bariko bariyitirira intsinzi itari iyabo,kandi ko ivyo bashikirije muriryo tangazo ar’ukwihumuriza kubijanye nivyabereye I Tombwe na Mwenga. Agasozera avuga ko Red Tabara yasohoye iryo tangazo bagamije izindi inyungu mukugira baronke ababahurumbira,kandi ko igisirikare c’uburundi ko kizokwama gikoresha ubunyamwuga bwinshi ,gushika bashitse ku ntumbero bihaye,yo kwomora Red Tabara muri Congo.

Mugusozera iryo tangazo,Patrick Nahimana yateyeko umukono,avuga Red Tabara yemeza ko batazopfa boroheje na gato canke ngo badohoke mu rugamba rwo gutembagaza intwaro ya cndd fdd mugihe itokwemera kuganira n’abo batavuga rumwe mukwicara ku meza ngo bumvikane uko ivy’igihugu vyotunganywa biciye mu biganiro birimwo umuco,ugushaka kandi birimwo bose kugira ngo hategurwe amatora arimwo imigambwe yose ,ukwishira no kwizana hamwe n’umuco nta ngere.