Cibitoke : Abanyagihugu bashobora gutana mu mitwe n’imbonerakure zibabuza kwinjira mw’isoko kubera badatanga amafaranga y’amatora canke ngo bisansumishe

Kur’uyu wa 25 Gitugutu umwa 2024 mu ntara ya Cibitoke neza na neza muri komine Buganda ahitwa mu Gasenyi,nta munyagihugu numwe yari arekuriwe kwinjira kurema isoko atabanje kwerekana agapapuro ko yamaze gutanga amafaranga yo guterera amatora yimirije canke ko yamaze kwisansumisha ,bikaba vyatumye isoko itangura itevye kuko murako gace ayo mafaranga amaze gutangwa na bake n’abisansumishije bari ku rushi.Ahubwo abo banyagihugu bavuga ko mugihe reta itosukamwo mabisi,bashobora gutana mu mitwe.

Nkuko amakuru turonka ava muri zone Gasenyi ,komine Buganda intara ya Cibitoke,abanyagihugu bavuga ko agashavu kaniga,inyuma yaho abatware bafatiye ingingo ko ata muntu numwe yemerewe kwinjira mw’isoko mugihe ataratanga amafaranga yo guterera amatora canke ngo atisansumisheje kugira azotore,kandi ko ata n’umwe arekuriwe kudatanga ayo mafaranga yaba uwuri mu mugambwe uyatoza canke muwundi.Ibi rero vyatanguye guteza impari hagati y’abanyagihugu n’imbonerakure zitumwa n’indongozi gutoza ayo mafaranga.

Abenshi murabo ba nyagihugu ,bagira bati “Mbega aho mutwandika munadutoza amafaranga,n’imbuto ya vyabigori mutuzaniye canke n’umwavu muduhaye ni kubera iki iyo muramutse mubitanga mutaturarika mubiha imbonerakure gusa ?” Ibi bakaba babivuga n’akababaro kenshi ni mugihe indongozi zariko zigenda urugo ku rundi abandi bagana iyo kw’isoko mu gasenyi aho isoko yatanguye itevye kandi ikanaremwa n’abantu bakeya,kubera abandi bahisemwo gusiba kuja kurema isoko hako batanga ayo mafaranga.

Uwutwara isoko benshi bazi nka Comissaire w’isoko,azwi cane kw’izina rya Gilbert niwe yaramutse araba iki gikorwa,akaba yabikora abwira abasanzwe barema isoko ko nawe ari itegeko yaronse ryavuye hejuru kandiko ategerezwa kuryubahiriza nkuko biri mu kazi kiwe ,aha akavuga amategeko yayahawe na musitanteri Pamphile Hakizimana ni mugihe nawe avuga ko yaronse amategeko avuye hejuru .

Abanyagihugu bavuga ko ari hamwe iyo ngingo ivugwa ko iva hejuru yobandanya ishigwa mu ngiro,ko bashobora kwivuna abaza babadodorerako amasaha y’ijoro babasaba urupapuro rw’uko bisansumishije ,canke ko bamaze gutanaga amafaranga yo guterera amatora,ibi bigakorwa ahanini n’urwaruka rw’imbonerakure rukomoka ku mugambwe uri ku butegetsi cndd fdd,ingeso yatanguye kwibonekeza kuva kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu 2024.

Aha twobamenyesha ko ingingo nk’izi zibonekeza kandi mu makomine nka yose agize igihugu c’uburundi ,ingingo yafashwe na Reveriano Ndikuriyo umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi,igihe yakora ingendo mu makomine yose agize igihugu c’uburundi.