Cibitoke : Mu ndwi imwe gusa abakozi b’iperereza ry’uburundi bamaze kwica abanyagihugu batatu bagirizwa kuba abagwanyi ba Red Tabara

Abafungwa bambere bishwe n’igendereza ry’uburundi kw’igenekerezo rya 09 Gitugutu 2024,mu ntara ya Cibitoke bari babiri ,bakaba baciye biyongera ku wundi yaheruka kugandagurwa mu ndwi iheze nyene bose ukwari 3 bakaba bagandagurwa bakuwe mu gasho kiyo ntara ya Cibitokebose kandi bakicwa mw’ijoro,nkuko amakuru turonka aguma avyemeza ,gusa uwurongoye igendereza muriyo ntara gushika ubu abitera utwatsi.

Hari mu masaha y’ijoro igihe abo bagabo babiri bagandagurwa ,inyuma y’indwi 2 zose zari ziheze bakubitwa ijoro n’umutaga bakaba bari bamaze kuba ibiruruma nkuko amakuru dufise avyemeza ,abo bose bakaba bari igitsina gabo ,amakuru akemeza ko bari bakuwe mu bundi busho bakaza gufungirwa ngaho murako gasho ka Cibitoke gasanzwe kavugwako amabi menshi ,kuko ata kwezi guhera abatwara igendereza bataje kuhagandagurira umuntu aba akuwe ahandi nko kuva kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu gushika kw’igenekerezo rya 9 umwaka 2024 abantu 3 baragandaguwe n’izo nzego za reta nyene.

Amasoko yemeza ko inyuma yo kwicira abo bantu kurako gasho,baciye bajanwa mugicugu cane gutabwa aho iyo ntara ihanira urubibe n’igihugu ca republika iharanira demokarasi ya Congo kandi batwawe n’umuduga w’iperereza,nkuko bari babikoze ku wari yagandaguwe kw’igenekerezo rya 05 Gitugutu uyu mwaka 2024 yatwawe samunani z’ijoro,bose bakaba batabwa mu ruzi Rusizi.

Amakuru dukura muriyo ntara hoba hari umugwi ujejwe guhohosha abazanwa n’imiduga y’igendereza buri gihe bagakorana cane n’abasanzwe barashinzwe igikorwa co kuboreza igufa ababa bafungiwe murako gasho kama kihaye inkumbi ,mbere akenshi bagakunda kuzana abantu nkabo baba bakuwe mu bundi busho canke bafatiwe muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ,abenshi muribo harimwo nabo baheruka kwicwa bakaba bagandagurwa inyuma yo kwagirizwa ko ari abanywanyi b’umuhari urwanya reta y’uburundi ukoresheje umuheto Red Tabara.

Naho biruko Uwutwara Iperereza muriyo ntara Colonel Francois Havyarimana avuga ko amakuru nkayo ayafata nk’ibihuha ko ataco abiziko ,nayo Bizoza Careme arongoye intara ya Cibitoke yemezako mwenayo makuru adaheza ngo ayamenye ahubwo ko nawe atangara mu bandi iyo yumvise abanyagihugu bavyidoga,we akabasaba nyabuna kuza barakorana n’inzego z’umutekano mugutanga amakuru ku gihe,kugira bareke kuza baratukisha intara yabo.