Makamba-Nyanza Lac:Umuntu umwe yarishwe acumitaguwe imbugita n’abantu bataramenyekana.

Hari kw’igenekerezo rya 18 Myandagaro umwaka 2024,aho ku mutumba wa Mugena muri Komine Nyanza Lac I ntara ya Makamba,aho umunyagihugu waho yaratashe munyuma agacumitwa imbugita nyishi ku mu biri wiwe n’abantu bataramenyekana gushika ubu .
Uwo munyagihugu yagandaguwe azwi kw’izina rya VOROKO ,yagandaguwe n’umugwi w’abantu bataramenyena nkuko amakuru avayo avyigana,bikaba vyabaye igihe yaratashe agana ku muhana iwe. Abajejwe umutekano naho bavuga ko bamaze gutangura amatohoza ,hari ayandi makuru avugako amatati y’amatongo yoba yinyegeje inyuma ya runo rupfurwateyw ubwoba abanuagihugu benshi bo mu ntara ya Makamba .
Isoko ryacu muriyo ntara ,ryabwiye uruganda rwa Radio Peace fm ujwi ry’urwaruka ko abikekwa ko boba babiri inyuma y’urupfu rw’uyu munyaguhugu, bamaze guhagarikwa kugira ngo bamenye vyukuri nimba ari imvo z’amatongo zoba zatumye agandagugwa,naho hari abandi bemezako yoba yagandaguwe azira imvo za politique .
Umwe mu muryango w’umuhisi atashimye ko tumuvuga ,we avugako afise amakenga ku rupfu rw’uwabo kuko hari haheze imisi hari abantu bamutera ubwoba kuri terefone ngendanwa ko bazomugirira nabi ,gusa ko batari bwabimenyeshe abajejwe umutekano.Tumubajije kubijanye n’amatati y’amatongo ntabihakana canke ngo avyemeze ,ahubwo avuga ko ata matati y’amatongo yarazi ko afitaniye n’abo mu muryango wiwe.N’inyuma yaho agandaguriwe iwe ,agaca atwarwa mu buruhukiro bw’ibitaro vya komine Nyanza Lac biri muriyo ntara nyene ya Makamba . Gusa hari n’abandi bavuga ko muvyo yoba yazize harimwo n’ibijanye n’uburozi abandi bita amangetengete,naho ata nsiguro zihagije batanga ku bijanye n’ivyo vy’uburozi.
Naho biruko ,abamaze gufatwa nta numwe aragirwa n’icaha kuko amatohoza akibandanya inyuma yo gufatwa n’inzego z’umutekano ,inyamiramabi n’iperereza bakaba barazindutse mu bucagucagu kugira babaze ivyarivyo ,ariko guca bahagarika abasanzwe bafitaniye amatati y’amatongo ku mvo zo kwikeka ko boba aribo bagize uruhare mu rupfu rwa Voroko.
Aha igi polisi kikaba cafashe aba bantu inyuma yo kwibuka ko mu myaka ibiri iheze hari abandi bantu bagandaguwe m’urubu buryo,ivyahagaritse umutima uhagaze abanyagihugu bo kuruyu mutumba bibaza ko ari abagwanyi boba babishe ,ariko munyuma bakaza gusanga abagandaguye abo bantu ari abo bari basanzwe bafitaniye amatati y’amatongo.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.