Makamba : Umugabo wiwe yaratorotse igipolisi none umugore wiwe yaciye afatwa afunganwa n’uruyoya.

Nkuko biri mu matohoza y’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu FOCODE ari naryo dukesha iyi nkuru,uwo muvyeyi yitwa Niyonkuru Aline. Akaba asanzwe aba muri quartier Kigwati iri, muri komine n’intara ya Makamba. Uko uyu mupfasoni afunzwe bikaba biteye amakenga ,kubona afungwa azira umugabo wiwe.
Vyose vyatanguye ku musi wa wakane uheze mu gitondo, kw’igenekerezo rya 24 Gitugutu 2024,aho umugabo wiwe yari yahagaritswe n’igipolisi co ngaho i Makamba. Uwo mugabo akaba yahagaritswe yagirizwa ko aheraniye abo bahora basangiye kudandaza amavuta y’amamesa.Ivyahavuye bishira mu kaga umuryango wose,aho umwana w’amezi atanu afunganywe na nyina wiwe mu gasho kaho I Makamba.
Ivyakurikiye, nuko haciye akanya, mu gihe uyu mupfasoni yariko aritegura ngo agemurire ivyogufungura umugabo wiwe , yagiye abona abapolisi bagarutse, bavuga ko umugabo wiwe yatorotse.Uwo mupfasoni yaratangaye cane agira n’ubwoba,kuko babimubwira bamukankamira ko ategerezwa gukora ibihano vy’umugabo wiwe kubera batazi iyo yagiye.
Niko guca bafata uyu muvyeyi aja gupfungwa mu gishingo c’umugabo wiwe, bagirako bagenda bamujanye n’umwana w’amezi atanu. Abamutabarije bavuga ko Niyonkuru Aline apfungiwe mu gasho k’igipolisi i Makamba, kandi ko ata muntu arekuriwe kumuraba,ivyo abaharanira agateka ka zina muntu babonako birimwo akerenganyo.
Umwe mubaharanira agateka k’abakenyezi yaganiriye na Radio Peace Fm kuriki kibazo,yabwiye uruganda rwacu ko ivyashikiye uwo mukenyezi ari akarenganyo katagira izina, kubona afungwa azira umugabo wiwe,kandi akanafunganwa n’uruyoya rutaranakwiza umwaka ,aho ata muntu n’umwe yemerewe kumuramutsa nkuko bivugwa na Focode.
Uwo mukenyezi akorera rimwe mu mashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi mu Burundi,agaruka ahanini ku karenganyo kama kakorewe abaharanira agateka ka zina muntu ko batoreka kurenganya umukenyezi asanzwe azira n’ivyo atazi. Uwo mukenyezi afunzwe akaba ari mu gahinda n’umwana aho ata ncuti canke umuryango ufise uburenganzira bwo kumugarukirako.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.