Muyinga : Abanyagihugu baraye bagandaguye umu police inyuma yaho yari yishe umunyagihigu.

Vyaraye bibaye ku mugoroba w’uyu wa 16 Gitugutu umwaka 2024 mu ntara ya Muyinga komine Muyinga ahitwa mu Gatongati,abanyagihugu bakaba bihaniye ari benshi cane uwo mu police yahavuye yitaba Imana inyuma yo gutwarwa kwa mu ganga.
Nkuko amakuru turonka ava ahabereye iryo bara abivuga umutekano waraye uhungabanye,inyuma yaho uwitwa Zambuli afataniwe igitoro ,umu polisi agaca arekura urufaya rw’amasasu akarasa uwo munyagigihugu ,ari nako guca apfa ako kanya,ibitahavuye ngo vyihanganirwe n’abanyagihugu ari nako guca baka inkoho uwo mu polisi inyuma yo kumuhondaguza amabuye mu mutwe no kumukubitaguza iyo nkoho nyene .
Abanyagihugu baguma bagwanira inkoho kugira ngo nawe bayimurasishe nkuko uwo mu polisi nawe yayirashishije uwo munyagihugu ,gusa bahava bumvikana ko bomugandagura badasohoye urusasu,ari nako guca bamwicisha amabuye no kuguma bamukupita iyo nkoho mu maso no mu mutwe akaba yahavuye ashengera inyuma yo gutwarwa kwa muganga.
Isoko ryacu mu ntara ya Muyinga,ryemezako uwo mu polisi yarashe uwo munyagihugu igihe yamubonana igitoro ,ata kumubaza aho agikuye niyo akijanye ,aca ararasa ,gusa inyuma yaho,hahavuye haza igipolisi kuraba ivy’arivyo abantu benshi bakaba baciye bahagarikwa n’ico gi polisi,gushika mu masaha yo mu gatondo ko kur’uyu wa kane igenekerezo 17 Gitugutu,abanyagihugu bakaba bari bagifatwa bajanwa ku gasho k’igi polisi i Muyinga.
Gushika ubu igi polisi gisanzwe gikorera murako gace ishavu riraniga,bakaba bavuga ko batagiye kwihanganira kubandanya bicwa n’abasivire ahubwo ko ari ukubarasa ,bikaba vyumvikanye m’ubutumwa aba polisi bahakorera bazindutse bahanahana ku rubuga rwa Watsapp basanzwe bahuriramwo ,Audio yashoboye kuzunguruka ku mbuga ngurukanabumenyi uwayivuze yemeje n’agashavu kenshi ko bagiye kwihora umu polisi wabo yagandaguwe n’abo basivire.
Aha tukabamenyesha ko hari hasanzwe icuka kibi hagati y’aba polisi n’abanyagihugu murako gace bita mu Gatongati,inyuma y’izinindi nduru zigeze kwaduka hagati y’abajejwe umutekano n’abanyagihugu igihe hariko haratangwa isukari ,aho abo ba polisi nabo basa nabashaka kwinjira mu rudadazwa rw’isukari ico gihe nk’uko babikora ku gitoro
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.