Ngozi : Umusirikare yaraye akubiswe buyoka n’aba polisi ubu Ari mu bitaro

Uwo musirikare yakubaguwe n’abapolisi bashika kuri 4 barongowe na Jean Marie Bayavuge azwi ku mazina ya Emmanuel Minani akorera mw’ikambi ya Gisirikare ya 112 mu Cibitoke,akaba muri iki gihe Ari mu karuko "Conge" ku mutumba Gisekuro commune Marangara i Ngozi mu ntara ya Butanyerera Ari naho avuka.
Amakuru duhabwa n’abanyagihugu bo kuri uwo mutumba yemezako intandaro y’iryo kubagurwa ifatiye kuba uwo musirikare yariko atahuka ku kagoroba nk’igihe c’isaha imwe n’igice agenda amurikisha akamuri kugira bikunde ko abona inzira.Ageze hafi y’urugo iwe,niko kuja yumva umupolisi yari iruhande y inzira amwagiriza ko ariko aramumurika.Akimubwira ayo majambo,niko guca amwegera amubaza uwo ariwe,uruwundi amwishurako asanzwe Ari Umusirikare yaje mw’ikonje.
Akimubwira ivyo,uwo mupolisi aca amusaba kumwereka ibimuranga.Minani Emmanuel amusubizako ivyo amusaba yabisize mu rugo,bitewe n’uko yari akubitiye hafi.
Iyo nyishu ntiyanyuze uwo mupolisi Niko guca amusimbirako kugira amutware mw’ikambi aho uwo mupolisi abarizwa.Emmanuel Minani ntiyemeye gutwagwa buhene,niko kuzunguturana aramwikura,uwo mupolisi aca asubira inyuma agana ku kirindiro cabo.Emmanuel Minani we abandanya igana i muhira iwe.Mukanya nkako guhumvya,ageze hafi mu rugo iwe niho yagize atya aja abona abapolisi 4 bamuri inyuma agikebuka bo bamutegeka gusubirana nabo inyuma nawe aranka,umwe muri abo bapolisi aca umukubita umwereka,yikubita hasi baca batangura kumukwega hasi akomereka mu mumaso isura yiwe irahindana.
Batatu murabo bapolisi babonye ivyo bakoze ko atari vyiza kandi ko n’ababanyi baje kuraba ibibaye, niko guca bakizwa n’amaguru hasigara Jean Marie Bayavuge yaje abayoboye.Nawe nyene ahava arakinjura bityo ababanyi babona gutabariza uwarahejeje gukubagurwa.Babifashijwemwo n abajejwe intwaro,baca banyarukana Emmanuel Minani kw ivuriro ry i kigufi ribegereye.Incuti n’abaryango ba Emmanuel Minani bagasaba ko amagara y’uwabo yokwitabwaho, umutekano wiwe n’uwabo navyo nyene bigakingirwa.
Abajejwe intwaro ku rwego rwa komine Marangara bakemeza ayo makuru,bagasezeranira Emmanuel Minani ko ivyo yakorewe bazobikurikirana bafatanije n’izindi nzego z’umutekano kugira aronswe ubutungane.
S’ubwa mbere abajejwe umutekano bishika bagacanamwo kuko vyaheruka kwibonekeza kandi mu ntara ya Makamba muri komine Mabanda ,aho n’ubundi abapolisi basimbiye ku musirikare bagakubita gushika ubu akaba ata butungane bwigeze bukora kandi nawe yari mu karuhuko nk’uko nyene .
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.