RDC_Burundi : Imbonerakure zaratemaguye umu police wa Congo kubera igitoro

Nkuko biboneka mw’itangazo ryo kuri uyu wa 4 Mukakaro 2024, ryateweko umukono n’uwurongoye territoire ya UVira MABISWA Selemani jean de Dieu,iryo tangazo rimenyeshako kumvo z’umutekano n’ineza y’abanyagihugu baba mu bumanuko bwa Kivu y’Ubumano cane cane mu bice vya kiliba inyuma yaho imbonerakure zikomerekeje umwe mu ba police ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo zikoresheje amahiri n’imipanga.

Amakuru Radio Peace fm ikura mu banyagihugu begereye uruzi rusizi ku gice c’Uburundi ntibemera ivyo vyashikirijwe na MABISWA ko ariyo mvo yo kubuza urwo rudandazwa,bo bavuga ko iyo ngingo yoba yafashwe ifatiye ku nyifato mbi y’imbonerakure ziheruka kwerekana mu gihugu ca Congo ubonako nyinshi muri zo ari zo zikora urwo rudandazwa.Abo banyagihugu bakemezako ivyo bibaye inyuma yaho mu misi iheze izo mbonerakure nk’uko zamenyereye,zajabutse muri Republica iharanira democrasi ya Congo kuzana ico gitoro,zigeze mu nzira zihindukiranye amabido yuzuye igitoro niko guhura n’abajejwe umutekano hafi y’uruzi rusizi,aho zari zikazanuye kujabuka,abo bajejwe umutekano barazihagarika,hakubahiriza amategeko ahubwo zaciye zahuka bamwe mu bapolisi bico gihugu zibarengerako namahiri hamwe n’imihoro ,umwe muri bo akaba yarasinzikajwe nayo mahiri maze zihejeje gukora ayo marorerwa zica ziruha inda zirarujabuka.

Abo banyagihugu bakamenyeshako hamwe iyo ngingo yokomezwa uko yafashwe ku ruhande rw’Uburundi nivyahuha bigiye guhuhuka ubonako ingorane y’igitoro mu Burundi imaze imyaka 2 kugezaho umushikiranganji wa mbere Gerevasi Ndirakobuca ashilkiriza ko inyishu kukibazo c’igitoro atayo afise kandiko itazoboneka vuba.

Kuva ku musi wa kane iyo ngingo ifashwe ibido 1 y’amalitiro 20 yahora igurwa amafaranga Ibihumbi 200 ubu igurwa amafanga ari hagati y’ibihumbi amajana 300 n ibihumbi 350 bikaba bitanoroshe kuyironka.
Bagasaba abarongoye Uburundi gutorera inyishu y’ico kibazo cadutse hagati y’uwo mutegetsi wo mugihugu ca Congo n’izo mbonerakure kugirango ico gitonyanga c’igitoro kibandanye kiboneka mu kurindira ko amikoro muri Reta y’Uburundi aboneka maze igitoro gisubire kuboneka mu bubiko bwaco irya nino mu bice bitandukanye bigize uburundi.

Ahandi hakunda guhungabana umutekano kubera izo mbonerakure, ni Runingu,kabunambo,sange,luberizi,Bwegera na Luvungi ibice vyose bihana urubibe n’uburundi bigabanywa n’uruzi Rusizi,Mabiswa. Amakuru avayo amenyeshako hafashwe ingingo zihagarika urudandazwa rw’igitoro n’ibindi bidandazwa vya nkenerwa nk’ibitenge,inzoga zambiye,hamwe n’ibindi bidandazwa vyose bijabukanwa mu Burundi biciye mu kanywabi.Kubw’uwo mutegetsi mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya kongo,iyo ngingo ifashwe inyuma y’inama nyishi yagiranye n n’abajejwe umutekano bakorera muri ivyo bice bamushikirije ko urwo ruja nuruza rw’ivyo bidandazwa bigira ingaruka mbi ku mutekano n’amagara y’abanyagihugu begereye uruzi rusizi kuko bigoye gucungera ibisohoka n’ivyira kandi ko birimwo ubusahuzi ku butunzi bw igihugu ca kongo .

Ivyo rero ngo biraheza bigatungisha akagwi gato mu bategetsi na bamwe mu nzego z’umutekano biciye mu kurya igiturire.Sivyo gusa bisigugwa na MABISWA Selemani,amenyeshako urwo rudandazwa ruciye kubiri n’amategeko rwatumye igiciro kw’ilitiro y’igitoro ciyongera aho Ilitilo 1 ubu igurwa amafaranga ibihumbi 6000 mu gihe yahora igurwa amafranga 3500 mu mafaranga akoreshwa muri ico gihugu.

Inkuru ya Audace Kaburo