Burundi:Abanyagihugu bavugako Bujumbura Cleaning Company ibasahura mu gisagara ca Bujumbura

K’uruyu wa mbere igenekerezo rya 30 Nyakanga mu gisagara ca Bujumbura,abanyagihugu baba hafi n’ahabatwa imicafu rusangi abenshi bazi nka Poubelles Publique ,baramutse bikorera isuku muguturira iyo micafu yari yabaye myinshi cane .Ahenshi muhatabwa iyo micafu hari hatanguye kunuka,ni mugihe ishirahamwe rijwejwe gukora iryo suku rimaze imisi ridatwara iyo micafu.

Iyo micafu itabwa mu bibanza rusangi nkuko vyari vyateguwe na Mairie ya Bujumbura,haraheze hafi indwi 2 iyo micafu yaruzuye ,mugihe hari ishirahamwe rizwi nka Bujumbura Cleaning Company ryategerezwa kuguma riraba ko ahashizwe iyo micafu huzuye ,mugabo ikabiraba irarirari.Aharangwa ico kibazo cane cane ni Nyakabiga na Bwiza zose zo muri komine MUkaza.

Aho Radio Peace Fm ijwi ry’urwaruka yaciye kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 30 Nyakanga 2024, ,twasanze ahatari hake hari iyo micafu yatanguye guturirwa n’abanyagihugu ku giti cabo ,mu ntumbero yo kugabanya iyo micafu nokugira ngo igisagara kigire isuku nk’uko bimeze mu bindi bihuhugu bibanyi,abanyagihugu twahasanze bakaba babwiye ijwi ry’urwaruka ko amafaranga batanga mw’ishirahamwe rijejwe gutwara iyo micafu asa nay’ibwe kuko batubahiriza amategeko yokuyitwara .

Abo banyagihugu bavuga ko iryo shirahamwe ryitwa Bujumbura Cleaning Company risa nkaho ribasahura bakababazwa no kubona batanga amafaranga ya buri kwezi mugabo,bakagaruka bakikuriraho iyo micafu ,ibi bakaba babivuze igihe bariko barakura mweniyo micafu mu bibanza rusangi reta yashizeho mu ntumbero yo gusukura igisagara ,bakaba baciye baza baraturira iyo micafu.

Abo banyagihugu babwiye ijwi ry’urwaruka ko bakoze ivyo bashoboye mugabo ko hari nivyo badashoboye ,Bujumbura Cleaning Company nayo yarikwiye gukora kandi mu maguru masha bidatwaye umwanya munini kuko bishobora gutuma indwara zikomoka kw’isuku rike zibatera. Aha bakavuga ahanini bisunze imicafu irangwa mu muferege witwa ‘’Drain Vugizo’’ uri hagati ya Zone Bwiza na Zone Nyakabiga muri komine Mukaza utabwamwo imicafu myinshi kubera igwirirana ry’iyo micafu yibonekeza ,mugihe Bujumbura Cleanig Company iba imaze imisi idatwara iyo micafu.

Iyo iyo micafu idaturiwe n’abanyagihugu ubwabo hari n’abandi baca bahitamwo kuyita mu miferege ,gutyo imicafu ikuzura hose mu gisagara ca Bujumbura ,abanyagihugu bagasaba Mairie ya Bujumbura ,gutunganya neza ibikorwa vyo gutwara iyo micafu mbere vyaba ngombwa,bagahindura na ‘’Societe’’ isanzwe ifasha mugutwara iyo micafu.

Igisagara ca Bujumbura kikaba gifata ikibanza ca mbere ,mubijanye ni siku rike muri kano karere ka Africa y’ubuseruko inyuma y’igisagara ca Kambala mu gihugu ca Uganda nkuko biheruka gushikirizwa n’abahinga muvyo gusukura ibisagara.