Gitega : Umutama w’imyaka 100 arafunzwe yagirizwa gufata ku nguvu umwana w’imyaka 3

Uwo mutama ari mu gasho ka komisariya ya komine Giheta kuva kw’igenekerezo rya 28 Gitugutu umwaka 2024 yagirizwa gufata ku nguvu umwana w’umukobwa afise imyaka itatu gusa . Ibi bikaba vyatangaje abantu benshi uhereye kuba polisi bamuhagaritse co kimwe n’abanyagihugu baba mu micungararo .

Vyose vyabereye Ku mutumba Ruhanza ,komine Giheta intara ya Gitega aho uwo mutama gushika ubu amazina yiwe n’umwirondoro bitarashigwa ahabona ,bivugwa ko yafashe ku nguvu umwana w’imyaka 3 y’amavuko akamusambanya ku nguvu nk’uko amasoko ngaho mu Giheta avyemeza . Amakuru avuga ko uwo mutaba yabanje guhamagara uwo mwana bakabanza kuganira imbere y’uko amufata ku nguvu .

Inyuma y’iryo bara umwana yaciye ataha iwabo agenda ararira yongera yiyagaza cane ku gihimba c’irondoka ,ari navyo vyateye amakenga umuryango wuwo mwana baca biruka gutabaza . Murako kanya nyene,inzego zo ku mutuma n’abajejwe umutekano, baciye bahashika batangura kubazagiza uwo mutama uko vyagenze n’uko vyukuri yoba yabikoze, amakuru dufise avuga ko uwo mutama yaciye yemera icaha ako kanya nyene .

Izo ndongozi zaciye zihutira gutwara uwo umwana kwa muganga kugira akurikiranwe yongere apimwe ko ata ndwara yoba yandukijwe ,uwo mutama nawe aca ajanwa mu gasho . Gushika ubu izo ndongozi cokimwe n’abajejwe umutekano basavye ubutungane gufatira ibihano bikomeye uyu mutama w’imyaka ijana .

Bamwe mubaganiriye na Radio Peace Fm ijwi ry’urwaruka bo kur’uyu mutumba ,naho muribo harimwo ababonye uwo mutama afatwa ,bavugako bafise amakenga menshi kubona umutama nkuwo yagirizwa gufata ku nguvu ,bakabivuga ahanini bisunze ko umuntu iyo amaze gukwiza imyaka nkiyo aba atanyota canke ubushake bwo guhuza ibitsina aba akigira .

Abandi basavye izo ndongozi gusuzuma neza iki kibazo mbere n’umwana agapimwa neza kugira vy’ukuri barabe neza ko uyu mutama atoba ariko arazira ubusa. Kubwabo mbere ngo naho vyoba vyashitse bwoba ari ubugwayi bwo mumutwe ,ni mugihe hari n’abavuga ko umutama ageze guhera ku myaka 90 atangura kumera nk’abana mbere akanakina nabo cane kuko baba banganya ivyiyumviro.

Yamara ari hamwe uyu mutama w’imyaka ijana yokwagirwa n’icaha ,abanyamategeko babwiye ijwi ry’urwaruka ko ashobora guca afungwa imyaka iri hagati ya 15 na 20 n’amande ari hagati y’ibihumbi 50 na 200 .