Imibano: Kubera iki abagabo bamwe bamwe iyo babonye umukenyezi ariko aronsa umwana mu bantu babagumizako akajisho?

Hari ingeso yiyadukije ,aho usanga abavyeyi benshi batagitinya gusokorora ibere kugira bahe amonkwa umwana mu gihe akiri kw'ibere. Abo bakenyezi nyene bakaba bidoga ko abagabo canke abasore baheza bagaca bareka ivyo bari barimwo bakabihweza cane . Abavyeyi basaba abagabo ko boreka iyo ngeso .

Mar 25, 2026 - 17:54
Mar 25, 2026 - 18:08
 6  1.7k
Imibano: Kubera iki abagabo bamwe bamwe iyo babonye umukenyezi ariko aronsa umwana mu bantu babagumizako akajisho?

Akenshi na kenshi n'ingeso ikunda kugaragara cane mu masoko ,kwa muganga, ku masengero rimwe na rimwe no ku kazi kubatwara abana .

Mu gisagara ca Bujumbura, abavyeyi cane cane abakenyezi bakiri bato ,usanga bareka umwana akarira kubera batinye ko hoba hari igitsina gabo gishobora kuraba igikiriza ciwe ,gutyo bagahitamwo kureka umwana agahogora .

Abandi ba vyeyi nabo ,bahitamwo ahubwo gusokorora amabere yose ,bakerekana igikiriza cabo ,aho usanga bavuga ko " N'ubundi ntaco tucera " akenshi bigashikirizwa n'abavyeyi ukunda gusanga bamaze kuvyara imvyaro nyinshi .

Umugabo yavuganye na Radio Peace Fm mugabo akaba yase ko amazina yiwe tuyamenyekanisha ,avuga ko akenshi ,usanga ari ingeso isigaye yigaragaza mu bakenyezi usanga bibarutse nka rimwe canke kabiri". Uyu twise "Serges" avuga ko naho ari mu bakunda kwihweza mwenabo bakenyezi kubwiwe ataco bitwaye ,kandi ko we bimuhimbara " Haraho usanga afise igikiriza gisa neza ,gutyo bikanezera buri mugabo wese kuba yokubitako akajisho " niko yavuze amwenyura cane .

Ni mugihe abandi bagabo bavuga ko abakenyezi bababeshera ahubwo baba bariko bararaba umwana mu maso gutyo bakikanga . " Iyo umuvyeyi ariko aronsa umwana, akeshi duhindukira kuraba mu maso uwo ariko aronsa bagaca bibaza ko turiko turaraba amabere yabo ,mugabo sivyo nagato " Niko uwundi yatwiganiye .

Hari n'amakuru avuga ko bamwe mu bagabo nabo usanga bakunda kwonka amabere y'abakenyezi cane cane abarushinze ,gusa ayo makuru akavuga ko bo naho bonka badakwega co kimwe n'abana mugihe bariko baronka .

Abakenyezi rero bakibaza ko iyo bariko baronsa abana ,bikeka ko boba bariko baributsa "Imisure ibuye" .

Umwe mu bahinga muvy'imico twaganirije kuri iki kiyago, yavuze ko ata rupfasoni rurimwo mu gihe umuvyeyi yahisemwo kwonkereza umwana mu bantu ,uyu yanonosoye ibijanye n'ingo n'imiryango akaba n'umwe mubagikunda umuco n'akaranga ,avuga ko guha amonkwa umwana mu bantu benshi cane cane mu bibanza bihuriramwo abantu benshi bitandukanye n'umuco w'ikirundi .

Aha agirako asaba amashengero, amasoko canke kwa muganga, gutegura utuzu twagenewe kwonkerezamwo abana, hakugira ngo bamwe bahitemwo kuriza abana mukubima ibere kandi bashonje ,batinya ko abagabo babarabira amabere, canke hakugira ngo nabo bavyeyi bakunda kwonkereza mu bantu benshi kugira navyo bigabanuke canke bihere burundu .

Claudine Ndayishimiye Claudine Ndayishimiye est journaliste professionnelle depuis 2013 et membre active de la rédaction de Radio Peace FM, Voice of Youth depuis 2018. À travers ses reportages et émissions, elle œuvre pour une information indépendante, responsable et proche des citoyens. Défenseure des droits humains, elle s’engage pour la justice, la protection des libertés fondamentales et la promotion d’une société burundaise fondée sur la vérité, la dignité humaine et le respect mutuel. Tel +49 1521 3498050