Mw'ikambi bita "Guantanamo", abasirikare baratakambira Général Prime Niyongabo ko yoja kuraba ayo bagowe !(FOCODE)
Ikambi ya DCA Passive benshi bita Guantanamo yakira abasirikare bakomerekeye ku rugamba. Mu myaka iheze bari bakebake, wasanga bakomerekeye muri Somalia canke Centrafrique. Bari bitwararitswe, bari bafashwe neza. Ingwano ya RDC yaje kuvyunyura. Ubu Guantanamo itunze Abasoda 900 bakomerekeye ku rugamba. Abasoda bavuga ko bafashwe nabi cane n'umukomanda ayitwara, inzara irabishe mu gihe batarekuriwe gusohoka. Baratakambira umukuru w'igisirikare ko yoja kuraba ubuzima barimwo.
Umwe muri bo yandikiye ishirahamwe FOCODE ati :
"Mwaramutse (...). Erega uraraba utuvugire natwe abasikare bari i Guantanamo. Turi arenga 900 bagire bicwe n'inzara. Mu bisanzwe iyi kambi ya DCA Passive yakira abasirikare bakomerekeye mu ntambara hanze y'igihugu : Somalia, RCA na Congo. Ingwano ya Congo niyo yatumye tuba benshi. Kandi kubw'iyo ntambara nyene, abakuru ntibashaka ko dusohoka ngo tuboneke. Twugaraniwe hano mw'ikambi.
Amagorwa ya mbere dufise ajanye n'imfungurwa. Tugitwarwa n'umuhisi Lieutenant-Colonel Manirakiza Patrice ntaco twari tubuze, twari tubayeho neza. Uwo batuzaniye amusubirira araturiye. Turonka imfungurwa nke cane, inzara igira itwicire hano. Ibifungurwa biraza bikaca bigurishwa. Iyaba basi turekuriwe gusohoka, twogerageje kwimenya. None ubu tubayeho nk'impunzi mu gihugu twagwaniye !
Ingorane ya kabiri ni iyo kubura ama toilettes n'amazi. Dufise ama toilettes ya kera cane, yasizwe yubatswe n'abasoda ba ONU bahoze hano. Imyaka ni myinshi, yarononekaye cane. Kugira ubumuga ukisanga muri toilette idashoboka si ikintu coroshe namba. Nibadutabare bazikore. Turanafise ikibazo c'amazi.
Commandant bataillon dufise nta kindi ashoboye atari ukuturyagumba no kwiba ivyo tugenewe. Adutondesha kw'idarapo tutagira amaguru, tudashobora guhagarara. Adutuma kuja gusenya inkwi atavyo dushoboye. Araturiye aratumaze, tubayeho dutuntuye bitagira izina.
Ejo bundi twari tugize amahirwe tubona uwo bita Kassy Manlan akorana na Général Prime Niyongabo. Yaratwumvirije gato, yumvise ko bikomeye aca yurira imodoka araduhunga. None ntitugira uwo turirira amagorwa yacu. Turibaza ko umukuru w'igisirikare abonye ayo tugowe ariwe yodutabara. Niyo mpamvu futakambiye Général Prime Niyongabo ngo yishikire hano, atwumvirize, yumve ayo tugowe, turazi ko ari umuvyeyi w'abasoda, azodutabara.
Twebwe twarungitswe mu mabanga ahambaye y'igihugu hanze y'Uburundi. Twaritanze, none twagarutse turi ibimuga. Twitangiye Igihugu. Ntiduteye isoni. Turasavye abakuru batugarukire. Nimba akamo kacu koshikira na Kizigenza w'intwaramiheto z'Uburundi, twomusaba akadutabara.

English
Kirundi
Français