RDC : Ingabo z’Uburundi ziriko zirarungikwa i Kalemie, mu gihe impunzi z’Abanyekongo zibandanya kwiyongera mu Rumonge.

Mu kiringo c’indwi yo ku wa 29 Kigarama 2025 gushika ku wa 4 Nzero 2026, harabonetse iyindi ngendo yo gusubira kurungika abasirikare b’Uburundi mu gihugu ca Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC). Nk’uko amakuru atandukanye ava mu nzego z’umutekano abivuga, izo ngabo zirungikwa gufasha mu kurwanya umuhari w’inyeshyamba M23 no gukomeza umutekano w’igisagara ca Kalemie, gifatwa nk’igisagara gikomeye cane mu buseruko bw’ico gihugu

Jan 12, 2026 - 11:24
Jan 12, 2026 - 11:25
 0  2.1k
RDC : Ingabo z’Uburundi ziriko zirarungikwa i Kalemie, mu gihe impunzi z’Abanyekongo zibandanya kwiyongera mu Rumonge.

Amakuru ava mu nzego z'igipolisi n’igisirikare avuga ko izo ngabo zitangurira urugendo rwazo zivuye ku kibanza c’ingabo zo mu mazi z’Uburundi ziri Rumonge, mu ntara ya Burunga.Kuva ku wa gatatu igenekerezo rya 31 Kigarama 2025, harabaye uburyo butandukanye bwo gutwara abasirikare, bungana n’imodoka zirenga icumi, zashizwe mu mato. Izo ngendo zikorwa ahanini mw’ijoro, mu buhwibiriye, kugira ntihabe ababona cane ibiriko biraba.

Umwe mu basirikare atashatse kwivuga izina kubera impamvu z’umutekano avuga ko iyo ngendo yatanguriwe n’igikorwa co gusubiza mu gihugu cabo abasirikare ba Kongo binugwanugwa ko hiba hari harimwo n'ingabo za FDLR Interahamwe. Mu ndwi iheze, amato y’ingabo zo mu mazi z’Uburundi yatwaye incuro zibiri abasirikare ba FARDC hamwe n’abarwanyi ba Wazalendo bari bahungiye mu makambi ya gisirikare ya Muha no kuri brigadi ya Gatumba. Abo bose bari bajanywe i Kalemie hakoreshejwe inzira y’amazi, bavuye ku kibanza c’ingabo zo mu mazi kiri hafi y’ikivuko mpuzamakungu c’i Bujumbura.

Inyuma y’aho izo ngabo za Kongo zisubiriye mu gihugu cazo, haciye hatangura iyindi ngendo yo kurungika abasirikare b’Uburundi mu RDC, kuva ku wa 30 Kigarama 2025.Abasirikare bamwe baratwarwa mu modoka gushika mu Rumonge, hanyuma bakegeranirizwa mu kambi k’ingabo zo mu mazi. Abandi na bo baciye ku kibuga Vyizigiro, hagati mu Mbuga, imbere yo kwinjizwa mu mato ya gisirikare.

 Haranakoreshwa kandi amato matomato yihuta y’ingabo zo mu mazi z’Uburundi kugira afashe muri ico gikorwa.Nk’uko uwo musirikare yabivuze, intumbero nyamukuru y’iyo ngendo ni ugufasha no gukomeza amabatayo abiri y’ingabo z’Uburundi zoba zarasigaye zitandukanye n’izindi mu misozi. Abajejwe umutekano bariko baragerageza gukinga ngo igisagara ca Kalemie ntikigwe mu minwe y’umuhari M23, usanzwe ukorera mu bice bitandukanye vya Sud-Kivu.

Muri ico gihe nyene, intara ya Burunga iriko irakira impunzi nshasha ziva muri Kongo. Ku wa gatatu, abantu bangana n’amajana abiri bavuye mu karere ka Makobola, muri Sud-Kivu, bashitse mu gisagara ca Rumonge. Abo bantu bahunga intambara iriko iraba hagati ya FARDC, ifashijwe na Wazalendo, n’umuhari M23.Abategetsi b’ikomine Rumonge batangaje ko izo mpunzi zizoca zijanwa ata handi ziciye nko mu kigo c’ikivuko ca Makombe, kiri ku mutumba Mutambara.

 Mu nama y’umutekano yabaye ku wa gatatu igenekerezo rya 7 Nzero 2026, umuyobozi w’ikomine Rumonge, Augustin Minani, yabujije abanyagihugu kwakira, gucumbikira canke gukodesha amazu izo mpunzi, ashimangira ko zitegerezwa kuba mu makambi yemewe n’ubutegetsi.

Ubu, ikigo ca Makombe kirimwo impunzi z’Abanyekongo zishika ku 1.500, zirindiriye kwimurirwa mu kambi k’impunzi ari mu ntara ya Ruyigi. Mu gihe abandi banyagihugu ba Kongo bava hafi ya Kalemie baguma bahungira mu Burundi, impunzi zirenga ijana ziva mu bice vya Baraka zarasubiye iwabo kuri uwu wa gatatu, zivuga ko umutekano utanguye gusubira kugenda neza muri utwo turere.

Joe Philbert Karangwa ​Mon parcours est marqué par une carrière dans les médias de la région des Grands Lacs, souvent dans des contextes de reportage sur des questions de sécurité, de droits de l'homme et de politique régionale. ​Parcours Professionnel ​Directeur de Radio Peace FM : Je dirige cette station de radio et contribue activement à la rédaction d'articles, notamment sur la situation politique et sociale au Burundi (nomination de cadres, gouvernance, sécurité). ​Ancien de Bonesha FM : Avant de s'installer au Rwanda en 2015 , je travaillait pour la radio indépendante Bonesha FM au Burundi. Cette station a été détruite et fermée en mai 2015 lors de la crise politique burundaise. ​Journaliste d'investigation : Mes publications portent fréquemment sur des sujets sensibles comme les incidents de sécurité au Burundi, la situation des réfugiés en Tanzanie ou les décisions présidentielles à Gitega. SUIVEZ MOI SUR MES RÉSEAUX SOCIAUX