Gitega: Reta y’uburundi ivuga ko Red Tabara ariyo ntambamyi y'iyugarwa rw'imipaka

Nk'uko yama ibikora ,Leta y’Uburundi yongeye gusubiramwo ko ata cizere na kimwe co gusubira kwugurura imipaka yo ku butaka ihuza Uburundi na Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC) mu gihe umutekano utaraboneka mu buryo bufatika mu karere kegereye umupaka w'uburundi.

Feb 4, 2026 - 06:51
Feb 4, 2026 - 07:09
 0  823
Gitega: Reta y’uburundi ivuga ko Red Tabara ariyo ntambamyi y'iyugarwa rw'imipaka

Mu kiganiro yagiranye n’abaserukira ibihugu vyabo i Gitega mw'iyinga riheze, Umushikiranganji w’imigenderanire n'ayandi makungu, Édouard Bizimana, yamenyesheje ko ugusubira mu bihe bisanzwe hagati y’ibihugu vyose kuzotegereza mbere na mbere ingingo zifatika zemeza ko akarere k’umupaka gakingiwe vy’ukuri.

RED-Tabara ifatwa nk'Intandaro y’ukutizerana hagati yayo ma reta 2 ,Nk’uko vyashikirijwe na leta y’Uburundi.

Yamara intandaro ya vyose nkuko bishikirizwa na reta y’uburundi, ikintu nyamukuru kibangamiye ugusubira kwugurura imipaka ni ukwibonekeza kwa cane kw’umurwi witwaje ibirwanisho RED-Tabara (Resistance for the Rule of Law in Burundi), ukorera cane cane mu kiyaya ca Rusizi, agace gafise ingendo nyinshi kandi z'akamaro hagati ya Sud-Kivu muri RDC n’uburengero bw’amajepfo y’Uburundi.

Gitega ibona ko ukwiteraniriza hamwe kw’abo barwanyi hafi y’umupaka ari “iterabwoba rihoraho kandi riteye amakenga ku mutekano w’igihugu.” Leta y’Uburundi ikagiriza RED-Tabara gukoresha ubutaka bwa Kongo nk’icicaro c’inyuma (base arrière) co guteguramwo ibitero vyahitanye ubuzima bw’abanyagihugu n’abasirikare ku butaka bw’Uburundi.

Naho hari imirwi imwe imwe yitwaje ibirwanisho ivuga ko iriko irimuka mu karere ka Uvira,abategetsi b’Uburundi bo babona ivyo nk’amayeri yo kwihisha, atari intambwe nyayo yerekeza ku mahoro.

Umushikiranganji Bizimana yagize ati: “Nta muntu n’umwe yokwemeza ko umutekano wagarutse mu gihe iyo mirwi ikibandanya ikorera ata nkomanzi hafi y’imipaka yacu.”

Ni mu gihe imipaka igumye yugaye abanyagihugu bo bakibaza impamvu iyo mipaka yo ku butaka hagati y’Uburundi na RDC igumye yugaye gushika igihe kitazwi. Leta y’Uburundi isaba ko habaho ivyemezo bifatika vyerekana ko ibirindiro vya RED-Tabara biri muri RDC vyashenywe canke bitagikora, imbere y’uko hatangura kwiyumvirwa ugusubira kwemerera ubudandaji n’ingendo zambukiranya imipaka.

Mu gihe ivyo bigikurikiranywa, abanyagihugu baba hampande yiyo mipaka babandanya kugirwako ingaruka z’uku kwugarwa kw'imipaka, harimwo ibibazo vy’ubudandaji, ingendo z’imiryango, hamwe n’ubukene bw’ibicuruzwa bimwe bimwe biva hakurya ya Rusizi.

Audace Kaburo Journaliste expérimenté et responsable éditorial, Vice-Rédacteur en Chef de Radio Peace FM depuis 2019 et fondateur de ce média créé en exil après la crise de 2015. Spécialisé dans le journalisme d’investigation politique, les questions de justice, d’éducation et de droits humains. Engagé dans la lutte contre la propagation de l’idéologie du génocide et les discours de haine au Burundi et dans la région des Grands Lacs.