Ninde ari inyuma y'irekurwa rya Alain Guillaume Bunyoni, hakoreshejwe ayahe mayeri, Ubu amerewe gute ?

Habandanya kuvugwa vyinshi inyuma yirekurwa ry'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni. Bimwe murivyo n'amayeri yakoreshejwe kugira arekurwe ,ariko kandi abifashijwemwo n'ibihangange vy'abajenero bagenziwe ku gitsure c'umukuru w'igihugu ca Tanzaniya Samia Suhulu Hassan . Amakuru mbere avuga ko ako karwi k'abajenero kari kanasavye umukuru w'igihugu Ndayishimiye kurekura mugenzi wabo bitaba ivyo nawe bakamubuza kwitoza mu matora yo mu mwaka uza .

Mar 16, 2026 - 17:32
Mar 16, 2026 - 17:34
 2  3.4k
Ninde ari inyuma y'irekurwa rya Alain Guillaume Bunyoni, hakoreshejwe  ayahe mayeri, Ubu amerewe gute ?

Nkuko amakuru yo kwizera abivuga ,uyu yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa reta ikiringowe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, avuga ko kuva aho ashikiye muhira amagara yiwe yifashe neza atasubiriye kuremba .

Ibi biruko mugihe Alain Guillaume Bunyoni, yatashe amagara yiwe asa nayasinzikaye aho n'umuryango wiwe utigeze wemererwa kumutahana mu muduga wabo nkuko bari babiteguye ,ahubwo ubuyobozi bw'ibohero bwo bugahitamwo kumutahana muri rusehabaniha mu ntumbero zo kugira ashike muhira amahoro, aha bakaba babikoze kuko bikeka ko ashobora gusandabira mu nzira mugihe yogenda n'umuduga utizewe gutyo bikaja ku gatwe k'ibohero n'abamwinjije ibohero .

Kur'uyu w'Imana uheze amakuru avuga uyu yahora afungiwe mw'ibohero rikuru rya Gitega, yoba yarerekeje muri rumwe mu nsengero z'abakizwa gushimana Imana na cane cane ko ngo aribo bamusengeye igihe yaragowe .

Abamubonye inyuma y'uko bivuzwe ko yararemvye cane ,ahi bambewe ,bavugako asa n'umuntu atigeze akikwa n'amagara aha bakavuga ko bitangaje cane .

Irekurwa rya Alain Guillaume Bunyoni, kugeza ubu rikaba rikirimwo igifungu cinshi ,aha mbere bamwe bakavugako habaye inyinyurana rudasanzwe ry'aba jenero boba barabwiye umukuru w'igihugu Ndayishimiye ko niyahirahira akagumiza Alain Guillaume Bunyoni, batazopfa bamwemereye ko asubira kwitoza .

Ni mugihe abandi bavugako irekurwa ryiwe ryagizwemwo uruhare n'umukuru w'igihugu ca Tanzania Samia Suhulu Hassan, inyuma yo kumusaba ko yomufasha kwirukana impunzi zose ziri mugihugu ciwe ,ari nako kuvyemera mugabo akabanza nawe kurekura Alain Guillaume Bunyoni, nkuko vyahora bisabwa cane n'abegereye Président Mukapa incuti y'akadasohoka n'uwahoze arongoye uburundi Nkurunziza Petero .

Gushika ubu irekurwa rya Alain Guillaume Bunyoni rikaba risa nkaho rigiye guteza ikibazo kidasanzwe muri reta ya Ndayishimiye, kuko abasanzwe bamushigikiye bagiye kuronka inguvu zidasanzwe zo kwirukana k'ubutegetsi umukuru w'igihugu muri kino gihe, Evariste Ndayishimiye. 

Joe Philbert Karangwa ​Mon parcours est marqué par une carrière dans les médias de la région des Grands Lacs, souvent dans des contextes de reportage sur des questions de sécurité, de droits de l'homme et de politique régionale. ​Parcours Professionnel ​Directeur de Radio Peace FM : Je dirige cette station de radio et contribue activement à la rédaction d'articles, notamment sur la situation politique et sociale au Burundi (nomination de cadres, gouvernance, sécurité). ​Ancien de Bonesha FM : Avant de s'installer au Rwanda en 2015 , je travaillait pour la radio indépendante Bonesha FM au Burundi. Cette station a été détruite et fermée en mai 2015 lors de la crise politique burundaise. ​Journaliste d'investigation : Mes publications portent fréquemment sur des sujets sensibles comme les incidents de sécurité au Burundi, la situation des réfugiés en Tanzanie ou les décisions présidentielles à Gitega. SUIVEZ MOI SUR MES RÉSEAUX SOCIAUX