Lusenda: Impunzi z'abarundi mu bwoba budasanzwe inyuma y'abasirikare baheruka gushikanwa I Fizi impunzi zibaza ko zishobora guterwa..

Haraheze iyinga 3 hafi ukwezi ,hibonekeza abasirikare bazanwa n'ubwato baciye mu kiyaga Tanganyika kandi bakikika ijoro mukuza ibiheza bigatera umutima uhagaze impunzi ,impamvu bazanwa mw'ijoro.

Jan 26, 2026 - 11:19
Jan 30, 2026 - 09:17
 0  755
Lusenda: Impunzi z'abarundi mu bwoba budasanzwe inyuma y'abasirikare baheruka gushikanwa I Fizi impunzi zibaza ko zishobora guterwa..

Karundura n'abasirikare barenga 300 bazanywe mur'ubwo buryo ,mu mpera z'iyinga twaraye duaozereye hari ku musi 5,aho impunzi z'abona amasura mashasha y'abasirikare badasanzwe bamenyereye ,niko kuronka amakuru ko ari abasirikare bashasha bahazanywe .

Ahanini igiteye ubwoba izo mpunzi n'ukumtu habandanya kwibonekeza uruja n'uruza hanze no mw'ikambi hagati ,impunzi zikabura ayo zicira nayo zimira ,kuko ngo abo bahunze ,bariko barabasanga iyo bahungiye .

Umwe mu baganiriye na Radio Peace Fm atashimye ko amazina yiwe amenyekana ku mvo z'umutekano wiwe, yabwiye uruganda rwacu ko bafise ubwoba budasanzwe kuko ngo abo basirikare basohora impunzi bashatse cane cane abapfasoni kandi kakaba akamizwe n'ingoma . Aha akaba ata mpunzi nimwe icemerewe kuja gusarura utwo barimiye inyuma y'ikambi ya Lusenda ,ni mugihe n'abariye umutima amenyo ngo bajeyo usanga bamburwa utwo basoromye abandi bakaburirwa irengero .

Muri rusangi impunzi zidoga ahanini zifatiye ku kuntu ata mukozi n'umwe wa UNHCR, canke igisata cita ku mutekano w'impunzi CNR yigera ahumuriza impunzi ,ni mugihe abenshi muribo bataye bakomoka ,impunzi bakazisiga zonyene. 

Impunzi zikaba zisaba abaharanira agateka ka zina muntu na cane cane agateka k'impunzi guhaguruka bagafata mu ntoke iki kibazo.Ni mugihe impunzi zivuga ko zirara zidasinziriye kubera uguhagarika umutima ,kuko bibazako umwanya n'umwanya izo mpunzi zishobora kugabwako ibitero bikegekwa ku nyeshamba za m23 zirwanya reta ya Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Jovain Irabaruta Journaliste de la RADIO Peace FM depuis 2018