RDC: Impunzi zo mu bwoko bw’abatutsi mu makambi ya Mulongwe na Lusenda zibandanya kunyuruzwa n'igisirikare c'Uburundi kiba hafi yabo

Izo mpunzi z’Abarundi zirara rubunda n'i z’Abatutsi bivugwa ko bagirizwa kuba ari abanyarwanda kubera uko basa. Izo mpunzi zizira ko arizo mu bwoko bw’Abatutsi, zihohoterwa mu buryo butandukanye kandi buteye isoni . Zisaba nyabuna ko amashirahamwe yigenga yobavugira kugira ngo umutekano wabo ntuhungabane .

Mar 16, 2026 - 22:25
Mar 16, 2026 - 22:29
 1  837
RDC: Impunzi zo mu bwoko bw’abatutsi mu makambi ya Mulongwe na Lusenda  zibandanya kunyuruzwa n'igisirikare c'Uburundi kiba hafi yabo

Nkuko amakuru ava mu ma kambi ya Mulongwe na Lusenda muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ayo yose ahaye indaro impunzi z'abarundi kuva mu mwaka 2015,avuga ko hari abarundi barara rubunda bazira kuba ko arabo mu bwoko bw’Abatutsi. 

Hageze aho abenshi muribo baronderwa buhongo bamwe mbere bakaba basohorwa mu mazu yabo mw'ijoro kandi n'uburongozi bw'ayo makambi ntihagire ico bubivugako .

Ivyo vyose bikaba vyatanguye kwibonekeza kuva aho hibonekereje abasirikare baheruka gushinga ibirindiro hampande yayo makambi .

Yamara amakuru turonka yemezako abo basirikare b'Uburundi bakunze kuba barikumwe n'umugwi nkorabara w'insoresore zizwi nka Wazalendo muguhohotera izo mpunzi kuko hari naho baja kwitemberera mwikambi gutyo bakanahakorera amabi menshi atandukanye harimwo no gusahura impunzi bikinze agahumbezi k'ijoro ,mbere bakanarasa murayo makambi nkuko biheruka kwibonekeza mw'ikambi ya Lusenda Aho banagandaguye umurundi w'impunzi yahora yunguruza abantu kw'ipikipiki nubu bakaba kabaye akamizwe n'ingoma .

Mukubatoteza canke kubanyuruza ,babatwara babagirizako atari abarundi ko ahubwo ari abanyarwanda kandi ngo bakorera iperereza ry'ico gihugu c'imisozi 1000.

Vyose bikaba bikomoka nku nzankano z'amoko n'amacakubiri ,bisanzwe vyatse indaro mu karere ka Africa y'ubuseruko n'Uburundi busanzwe buherereyemwo ,mbere bukaza no kw'isonga mu bihugu bibiba urwanko rufatiye ku moko n'amacakubiri ibishobora gukwega ihonyabwoko ryeruye umwanya n'umwanya .

Nkuko vyashikirijwe n'umwe Mubaganiriye n'uruganda rwa peace fm ijwi ry'urwaruka, mwiyinga riheze,avugako atagishoboye gusohoka ikambi kuko we abayeho y'ugaranywe kandi aguma anaronderwa ,akemeza ko nabo basangiye ubwoko bagenzi be ,basanzwe babayeho murubwo buryo nyene.

Ivyo biruko mugihe badasiba gutabaza bakanandika amakete ku ndongizi nkuru zijejwe umutekano CNR ariko bikaba ivy'impfagusa,hagataho abo bita aba Mai-Mai bakaba badasiba kubita abanyarwande ndetse bakama babavwira akensi ko bazobadya inyama nkuko basanzwe babikora,

Aho twobamenyeshako ko abatari bake bamaze kwiyahura bagahunga iyo kambi biturutse kurwanko rw'amoko ni mugihe izompunzi zo mu bwoko bw’Abatutsi zisanzwe zinagirizwa kuba zishigikiye umuhari Red Tabara, ibiheza bigaterwa ivyatsi n'izo mpunzi

Bagasaba ishiramwe rya UNHCR gufata nk'akama Ico kibazo kijanye n'umutekano. 

Christa Inamahoro Je m'appelle Christa Inamahoro. Je suis journaliste depuis 2020 et je travaille pour la radio Peace FM depuis 2022 en tant que journaliste reporter et rédactrice. Je suis engagée sur les sujets de politique, de justice, de droits humains et de lutte contre la corruption. ​Contact : +49 1521 3498050