Burundi : Général Alain Guillaume Bunyoni yimuriwe mu bitaro Kira Hospital i Bujumbura.
Bunyoni yari yinjiye ibitaro bikuru vya Gitega ku wa 09.10.2025, inyuma y'aho hari abatabaje ko yasa n'uwataye ubwenge, atari akivuga, n'iyo bagiye kumuraba mu cumba bamusanga yinyegeje musi y'igitanda. Inkuru ya FOCODE
Uyu musi inyuma y'umutaga, Général Bunyoni yinjijwe ibitaro vyigenga Kira Hospital i Bujumbura. Mu misi iheze yari yatoye mitende, abamwegereye bivugwa ko yashobora kubavugisha. Ntituramenya ko ibintu vyoba vyayangaye canke ko hari ubuvuzi badafise i Gitega bwatumye amanukanwa i Bujumbura.
Mu ndwi iheze, hari umurwi urimwo uwujejwe kugendanira Umukuru w'igihugu, bamwe mu bakuru mw'iperereza n'abapolisi batembereye ibitaro Kira Hospital, barabizunguruka vyose. Nta nkeka ko umugambi wo kuhazana Bunyoni wariko urategurwa.
Abegereye ibitaro batubwiye ko habayeho akantu ko kumunyegeza, bamwinjiza bamucushije inyuma. Batubwiye ko bamuzanye apfuse. Bahavuye bamujana muri kimwe mu vyumba bine vyo hejuru bita VIP, bigenewe abakuru kandi usanga vyigenga. Aho hantu haracunzwe bikomeye n'abajejewe umutekano.
Inkomoko:Ishirahamwe FOCODE

English
Kirundi
Français