Umwana w’umuhungu yirukanywe kw’ishure azira gufata ku nguvu umwana w’imyaka 4

Ubuyobozi bw’ishure ECOFO Sagesse Kabere, riri muri komine Buhiga, bwafashe ingingo yo kwirukana burundu umunyeshure yagirizwa gufata ku nguvu umwana w’umukobwa w’imyaka ine y’amavuko.

May 22, 2026 - 10:43
 0  384
Umwana w’umuhungu yirukanywe kw’ishure azira gufata ku nguvu umwana w’imyaka 4

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ubuyobozi bw’iryo shure ku wa 21 Rusama 2026, uwo mwana w’umuhungu yigaga muri “cycle yo kuramura neza” canke pré-scolaire. Ubuyobozi bw’ishure buvuga ko uwo mwana yagirizwa gukora ivyaha vy’“ubunyamaswa” ku mwana w’umukobwa na we nyene yigaga muri iryo shure.

Iryo tangazo risigura ko ico gikorwa cabaye ku wa 19 Rusama 2026, aho uwo mwana w’umukobwa yafashwe ku nguvu mu kibanza c’ishure. Inyuma y’aho ico kibazo kimenyekaniye, ubuyobozi bw’ishure bwaciye bukorana n’abavyeyi hamwe n’abarezi kugira hafatwe ingingo yihuta.

Ubuyobozi bw’ishure bwashimangiye ko uwo mwana w’umuhungu yaciye yirukanwa burundu muri ECOFO Sagesse Kabere kugira bakingire abandi banyeshure no kubungabunga indero n’umutekano w’abana bato bato.

Abavyeyi hamwe n’abarezi basabwe gukomeza gukingira abana no kubaganiriza ku bijanye n’inyifato mbi zishobora gushira ubuzima bw’abandi mu kaga, cane cane mu mashure no mu bibanza abana bakiniramwo.

Ico kintu caciye gitera impungenge benshi, aho bamwe basaba ko hokwongerezwa gukingira abana bato no gukurikirana neza inyifato z’abanyeshure kuva bakiri bato.

Joe Philbert Karangwa ​Mon parcours est marqué par une carrière dans les médias de la région des Grands Lacs, souvent dans des contextes de reportage sur des questions de sécurité, de droits de l'homme et de politique régionale. ​Parcours Professionnel ​Directeur de Radio Peace FM : Je dirige cette station de radio et contribue activement à la rédaction d'articles, notamment sur la situation politique et sociale au Burundi (nomination de cadres, gouvernance, sécurité). ​Ancien de Bonesha FM : Avant de s'installer au Rwanda en 2015 , je travaillait pour la radio indépendante Bonesha FM au Burundi. Cette station a été détruite et fermée en mai 2015 lors de la crise politique burundaise. ​Journaliste d'investigation : Mes publications portent fréquemment sur des sujets sensibles comme les incidents de sécurité au Burundi, la situation des réfugiés en Tanzanie ou les décisions présidentielles à Gitega. SUIVEZ MOI SUR MES RÉSEAUX SOCIAUX