Ukurandurana n’imizi Interahamwe ziri mu mashamba ya Congo n’Uburundi: ingorane zikomeye ku butegetsi bwa Perezida Ndayishimiye.
Mu gihe Interahamwe zakoze jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda mu 1994 zikibandanya kubaho no gukorera mu mashamba ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo no mu Burundi, amahoro arama mu karere ka Afrika y’Ubuseruko azoguma ari inzozi, nk’uko vyashikirijwe n’umumenyeshamakuru wa Radio Peace FM akaba n’umuyobozi w’uruganda rwo kumenyesha amakuru kuri iyo radiyo, Audace Kaburo.
Mu kiganiro yahaye Radio Peace FM, Audace Kaburo yerekanye ko ukudahagarika burundu abo bagizibanabi biguma bibangamira umutekano w’akarere kose. Yemeje ko ata gihugu na kimwe gishobora kwiyumvira amahoro mu gihe hakiri imigwi igendera ku nyigisho z’urwanko, amacakubiri n’ivangura rifatiye ku moko.
Uyu muhinga mu bijanye no kumenyesha amakuru, politike mpuzamakungu n’imigenderanire hagati y ibihugu yarongeye ashimangira ko imigenderanire myiza hagati y’ibihugu bigize akarere ka Afurika y’Ubuseruko idashoboka mu gihe hakiri izo nzitizi zikomeye z’abantu babandanya gukwiragiza inyigisho za jenoside no guhungabanya umutekano w’abanyagihugu.
Audace Kaburo yagarutse ku mwanya w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Perezida Évariste Ndayishimiye, avuga ko gukorana n’abantu bagirizwa ivyaha bikomeye harimwo jenoside yakorewe Abatutsi mu gihugu c Urwanda mu mwaka w 1995,bishobora kumushira mu ngorane zikomeye za politike n’izo mu migenderanire n’ibihugu vyo mu karere n’amakungu.
« Ibi bishobora kutorohera umukuru w’igihugu, Ndayishimiye, yemeye gukorana n’abantu basize bakoze jenoside mu gihugu kibanyi », nk’uko Kaburo yabishikirije.
Mu mwihwezo wiwe, Audace Kaburo abonako iyo migenderanire idasanzwe Leta y’Uburundi isigaye ifitaniye n’abantu baronderwa n’ubutungane bw’u Rwanda itazosiga amahoro ubutegetsi buriho muri iki gihe. Avuga ko ivyo bishobora gutuma Uburundi burushiriza kwikumira mu karere no mu makungu.
Yasozereye yemeza ko, bivanye n’uburemere bw’ivyaha vyakozwe n’izo Interahamwe, umuntu wese azishigikiye canke akazikingira ashobora gushikirizwa ubutungane mpuzamakungu kuko ukoze jenoside Aba akoreye icaha isi yose.Ku bwiwe, ukurandurana n’imizi uwo muhari ni kwo kwonyene gushobora gutanga agahengwe n’icizere c’amahoro arama mu Burundi, mu Rwanda no mu karere kose ka Afurika y’Ubuseruko.
Si ubwa mbere amatohoza yerekana ko umukuru w'igihugu Ndayishimiye, yabandanije umugambi wari waratangujwe na Nkurunziza wo gukorana n'izo nterahamwe zo muri FDLR, ibibandanya kwemezwa na Audace ko mbere zimwe murizo ziri no mu nzego z'igihugu, haba mu nzego z’umutekano, intwaro no mu rudandazwa rukomakomeye mu Burundi.

English
Kirundi
Français