Kurikira amakuru adasanzwe avugwa kuri Bunyoni,ironderwa ry'impunzi z’Abatutsi muri Congo hamwe n'amakuru ku barundi baba mu bihugu vy'abarabu .
Muraya makuru twabateguriye, ahanini tugaruka Kw'Ifungurwa ry'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni nucatumye arekurwa .Turagaruka kandi ku ruhigi rwo kurondeza urushinge impunzi zo mubwoko bw'abatutsi baba mu makambi ya Lusenda na Mulongwe muri Congo. Turababwira kandi ibijnye n'impari zirangwa mwishengero Anglicane aho umwe mundongozi yagirizwa amanyanga n'abapasitori .Gumana natwe hari nayandi .
Ido n'ido ry'amakuru ya Radio Peace FM ijwi ry'urwaruka
Nyuma y aho abarundi bari mu bihugu biherereye mu kigobe c abarabu batakambiye leta y UBurundi ko yobaba hafi mugushiraho umurongo rusangi wokwifashishwa mu gusaba ubutabazi canke gushikiriza INGORANE umuntu agize muri iki gihe hari Intambara hagati ya Iran na Israel ifatanije na Leta zunzubumwe za America, Ubuserukiza bw uBurundi muri leta zunzubumwe z abarabu bwasohoye itangazo rihumuriza abarundi bari muri ico gihugu, bubamenyesha ko ibiriko biraba mu kigobe c abarabu babikurikiranira hafi Kandi ko bafatanije na leta y ico gihugu, umutekano wabo Barundi witaweho BIDASANZWE bagirako banataga umurongo wa telephone kugira ngo ukineye ubutabazi ashobore kuwifashisha atabarwe vuba na bwangu.
Inkuru twateguriwe na Audace kaburo
2. Impunzi z’Abarundi zirara rubunda n'i z’Abatutsi bivugwa ko bagirizwa kuba ari abanyarwanda kubera uko basa.
Izo mpunzi zizira ko arizo mu bwoko bw’Abatutsi, zihohoterwa mu buryo butandukanye kandi buteye isoni .
Zisaba nyabuna ko amashirahamwe yigenga yobavugira kugira ngo umutekano wabo ntuhungabane .
Christa Inamahoro arabandanya n'iyi nkuru .
3. Izo mpunzi z'abarundi nyene ariko mw'ikambi ya Lusenda aho nimuri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ziratekewe n'ubwoba n'ikambi nshasha ya gisirikare bavuga ururimi rw'ikirundi kandi biyambariye imyambaro y'igisirikare ca republica iharanira intwaro Rusangi ya Congo, aho iyo kambi yibereye nko kumetero 10 uvuye kuriyo kambi.
Neza naneza akaba ari nko kumetero 10 canke 11 n'ikambi y'impunzi z'abarundi muri village ya 16 aho abasirikare bavuga ikirundi ukuri kwamye bamwe mumasoko yacu bahegereye bawiye peace fm ko batanguye kwigira kure yiyokambi kuko ngo ntaho vyakabaye aho iyo ikambi icungerwa n'abasirikare b'igihugu bahunze bavuyemwo.
Iyokambi ya gisirikare ikaba yashizwe muricokibanza Kuva kumusi wambere igenekerezo rya 9/Ruhuhuma 2026
Izompunzi zidahengeshanya gutabaza nokumenyesha ishiramwe rijejwe impunzi UNHCR ko akarere zirimwo kadatekanye kandi arikurubuga rw'intambara
Aha bagasaba ko botabarwa mugihe bigishoboka amazi atararenga inkombe
4.Habandanya kuvugwa vyinshi inyuma yirekurwa ry'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni.
Bimwe murivyo n'mayeri yakoreshejwe kugira arekurwe ,ariko kandi abidashijwemwo n'ibihangange vy'abajenero bagenziwe ku gitsure c'umukuru w'igihugu ca Tanzaniya Samia Suhulu Hassan .
Amakuru mbere avuga ko ako karwi k'abajenero kari kanasavye umukuru w'igihugu Ndayishimiye kurekura mugenzi wabo bitaba ivyo nawe bakamubuza kwitoza mu matora yo mu mwaka uza .
Joe Philbert Karangwa
5. Icuka sicuza hagati Yaba pastori hamwe na Musenyeri Ndayirukiye Seth wo mw'ishengero rya Anglicane muri dioseze ya matana !!
Ukwo kutumvikana kukaba kwatanguye mumwaka 2017 Aho uwo musenyeri y'imikwa murayo mabanga yo kuyobora intama z'Imana !
Abapastori hamwe nabakirisu ngo baraburabuzwa abandi nabo ngo bagaterwa ubwoba mugihe hagize ico batumvikanako nuwo musenyeri
Ivyo vyose vyatanguye Aho uwo musenyeri inyuma yamatora yafash udupapuro twabatoye hama abatamutoye abatera ubwoba ko bazovyishura ikindi naco Seth ngo imfashanyo zose zigenewe abakirisu yazigize iziwe hamwe n'akagwi kiwe!
Inkuru ya Ndayishimiye Claudine
Mwakoze mwese kubana natwe
Kuri presentation : Viator Torry Haragiramungu
Mu buhinga bw'ivyuma:Yves Irakoze

English
Kirundi
Français