Amakuru mu kirundi yo kubwa 06/01/2026

Mwiriwe mwese canke mwaramutse bivanye naho muriko muradukurikira muri. Muriko murumviriza Radio Peace Fm ijwi ry'urwaruka iyo nayo igasamiranira mu gisagara ca Humburg kw'ibarabara ryitiriwe Holudi numéro 10. Kaze mu makuru yo mururimi rw'ikirundi yo kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Nzero umwaka 2026 . Mushobora no kutwumva muciye kuri www.radiopeacefm.com, aho iyi radio isamirana amasaha 24 kuri 24 . Ingingo nyamukuru z'amakuru twabateguriye nizi .

Jan 6, 2026 - 23:14
 0  187
Amakuru mu kirundi yo kubwa 06/01/2026
: :
playing

Ingingo nyamukuru z'amkuru twabateguriye 

1.Hari abanyagihugu bashika kuri 6 harimwo n'intwazangabo bari batawe mu mvuto kubera gutabariza umwana yari yavunywe ukuguru n'imbonerakure nubu uyu mwana akaba agisinzikarira muhira ha kuvugwa .

2.Urunani rw'abanyamategeko Raja Burundi bagabisha reta y’uburundi ku nyifato igayitse ijanye no guhonya ubwoko bw'abatutsi muri republica iharanira intwaro Rusangi ya Congo aho bavuga ko vyose bizoja ku gatwe ka reta ya cndd-fdd mukanya muraza kuvyumva. 

3.Muraya makuru turaza gusimbira mu gihugu ca Tanzaniya mw'ikambi ya Nyarugusu aho impunzi ziriko zirahohoterwa mugusamburirwa amazu kugira bikunde biyomore ,navyo twabibateguriye. 

Amakuru twabateguriye saya gusa tubafitiye nayandi avugwa mu bindi bisata gumana najewe Viator Torry Haragiramungu ngire ndayabashikirize nkaba ndiko ndafashwa na Yves Irakoze m'ubuhinga bw'ivyuma kaze mwese mw'ido n'ido.

Joe Philbert Karangwa ​Mon parcours est marqué par une carrière dans les médias de la région des Grands Lacs, souvent dans des contextes de reportage sur des questions de sécurité, de droits de l'homme et de politique régionale. ​Parcours Professionnel ​Directeur de Radio Peace FM : Je dirige cette station de radio et contribue activement à la rédaction d'articles, notamment sur la situation politique et sociale au Burundi (nomination de cadres, gouvernance, sécurité). ​Ancien de Bonesha FM : Avant de s'installer au Rwanda en 2015 , je travaillait pour la radio indépendante Bonesha FM au Burundi. Cette station a été détruite et fermée en mai 2015 lors de la crise politique burundaise. ​Journaliste d'investigation : Mes publications portent fréquemment sur des sujets sensibles comme les incidents de sécurité au Burundi, la situation des réfugiés en Tanzanie ou les décisions présidentielles à Gitega. SUIVEZ MOI SUR MES RÉSEAUX SOCIAUX