AMAKURU MU KIRUNDI YO KU WA 13 NZERO 2026

INGINGO NKURU NKURU 1.Birababaje kandi biteye isoni kubona abategetsi bemera bagaca mw'ibarabara imiduga yabo ihengetse kandi ntibanarikoreshe,aha abanyagihugu bakidoga bavuga ko iryo barabara no 3 ryamaze kwononekera cane indongozi nazo zikabirabisha ijisho gusa . 3.Abasirikare bakomerekeye mu ntambara zo muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bashika hafi 900,bavuga ko basugerejwe n'ubukene buvanze n'inzara hambavu yo kutavurwa canke ngo baronswe n'imiti ,muraya makuru muraza kuvyumva . 3.Uruhombo rudasanzwe cane cane ku badandaji ,rybandanya kwiyongera ,ibiheza bikagwiza ubukene mu gihugu, aha bakidoga bavuga vyose biva kw'iyugarwa ry'imipaka vyakozwe na reta y’uburundi navyo muca muvyumva mukanya. Amakuru twabateguriye saya gusa tubafitiye nayandi avugwa mu bindi bisata gumana najewe......ngire ndayabashikirize nkaba ndiko ndafashwa na Yves Irakoze m'ubuhinga bw'ivyuma kaze mwese mw'ido n'ido

Jan 14, 2026 - 11:28
Jan 14, 2026 - 11:29
 0  602
AMAKURU MU KIRUNDI YO KU WA 13 NZERO 2026
: :
playing

Aya makuru tuyahere mubijanye n'umutekano.

Nari mpejeje kubibabwira ,

1.Mu gisirikare c’Uburundi, FDNB, hariko haravugwa inkuru ziteye amakenga n’agahinda. Ni Mw'ikambi ya Défense Contre Aéronefs, DCA, ahazwi cane ku zina rya Guantanamo, mu gisagara ca Bujumbura.

Abasirikare bivugwa ko bashika hafi 900 bakomerekeye ku rugamba rwo muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo batabaza ko bibagiranye burundu.

 Bavuga ko ari nkaho bafunzwe kandi bahebwe n’ababarongoye.

Inkuru dushikirizwa na Joe Philbert Karangwa

Ishirahamwe ry'abashingwamanza bishinze kuburanira abakorewe ivyaha bihanwa na sentare mpuzamakungu cavib ,bavuga ko barajwe ishinga n'amajambo abiba urwanko n'amacakubiri abandanya gushikirizwa n'abategetsi. 

Ibi Me Félix Niyonkuru arongoye Cavib akaba abivuze ahanini afatiye ku mpungenge bafise ,kubishobora gukurikira inyuma y'amajambo aheruka gushikirizwa na Ekenge avugira igisirikare ca FARDC .

Kurikira Me Félix Niyonkuru. 

Element 

Uwo akaba yari Me Félix Niyonkuru arongoye cavib ,urunani rw'abashingwamanza bishinze kuburanira abakorewe ivyaha bihanwa n'amategeko mpuzamakungu.

Politique, 

Abanyagihugu baratekewe n'ubwoba inyuma y'amajambo aca ivutu aguma ashikirizwa n'abategetsi. 

Aha babivuga ahanini bafatiye kuvyashikirijwe n'umukuru w'igihugu mu mpera za Kigarama z'umwaka uheze ,ko bomusengera gusumba kumwifuriza ko yosubira akarongora uburundi. 

Ayo majambo akaza yiyongera ku yashikirizwa n'umukuru w'umugambwe cndd-fdd, bisa nkaho arayo kunyinyurana .

Claudine Ndayishimiye

Ibarabara ry'igihugu numéro 3,ryarononekaye Cane,mu gace kari muri commune Mugere, Cane Cane hagati y'uruzi Mugere na Université lumière.

 Uharaba, nta kintu na kimwe cerekana ko iryo Barabara ryigeze kujamwo ikaburimbi.Ibinogo vyinshi bininibinini nivyo biryiganziye. Ivyo bikunyuka mu gihe c'imvura. 

Uwunguruza abantu twaganiriye akavuga ko bidatahuritse ko ibarabara ryitwa iry'igihugu rimera uko.Agasaba basi ko bopfuma bacishamwo ikimashini kiriharura uko bahoze bagira. 

Uwundi we avuga ko atakigira n'ico yosaba Leta kuko haheze igihe kinini bivugwa ko rigiye gusubirwamwo amaso agahera mu nzira. Ahubwo asaba umugiraneza ahora agerageza gusanasana ibice vyinshi muri iryo barabara ko yokomeza ico gikorwa c'iteka, akaraba ahasinzikaye kurusha ahandi. 

Igitangaza abanyagihugu na cane cane abakunda gukoresha iryo barabara nuko ata mutegetsi numwe ataricamwo ariko bakirabira hirya .

Mwomenyako uwo mugiraneza agerageza kuza arazibira ibinogo, mugushiramwo amabuye muri iryo barabara, kandi akaba amaze gukora ahatari hake. Ariko kuko akoresha uburyo buto Cane, inyuma y'iminsi itari myinshi rica risubira kwononekara.

Mu bijanye n'imigenderanire ,

Ni igihombo gikomeye ku Butunzi bw igihugu c uBurundi kuba UBurundi bwahisemwo kugara imipaka ibuhuza n ibihugu bimwe bikikije UBurundi,

Ibituma UBurundi butakaza amafaranga Atari make yahora yinjira mu kigega ca reta navyo bikagira inkurikizi zitari nziza ku Butunzi bw igihugu bwari busanzwe ataho buhagaze.

Inkuru twateguriwe na Audace Kaburo.

Dusozerere aya makuru muyavugwa mu mpunzi.

Ubuzima kw'impunzi z'abarundi mw'ikambi ya Lusenda mu bumanuko bwa republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bwabaye akananira bahinga inyuma yaho abagwanyi b'umuhari wa M23 batangarije ko bafashe igisagara ca Uvira ahasanzwe hava ibidandazwa vyose bidandazwa muriyokambi .

Izompunzi zikaba zibangamiwe niduga ry'ibidandazwa n'ibifungurwa kurugero ruteye ubwoba Aho izompunzi zisanga zitagishiboye gusuma ivyozifingura narirya amayira menshi asa nayasigaye agoye .

 Jovain Irabaruta, ni ijisho ryacu muri Kivu y'ubumanuko .

Reka rero nshimire mwese mwakurikiranye aya makuru kuva mu ntango nayo ntibagiye Yves Irakoze yariko aramfasha m'ubuhinga bw'ivyuma nayo jewe Christa Inamahoro nayabashikirije ,munkundire duhane isango ku musi wejo nagahwane.

Joe Philbert Karangwa ​Mon parcours est marqué par une carrière dans les médias de la région des Grands Lacs, souvent dans des contextes de reportage sur des questions de sécurité, de droits de l'homme et de politique régionale. ​Parcours Professionnel ​Directeur de Radio Peace FM : Je dirige cette station de radio et contribue activement à la rédaction d'articles, notamment sur la situation politique et sociale au Burundi (nomination de cadres, gouvernance, sécurité). ​Ancien de Bonesha FM : Avant de s'installer au Rwanda en 2015 , je travaillait pour la radio indépendante Bonesha FM au Burundi. Cette station a été détruite et fermée en mai 2015 lors de la crise politique burundaise. ​Journaliste d'investigation : Mes publications portent fréquemment sur des sujets sensibles comme les incidents de sécurité au Burundi, la situation des réfugiés en Tanzanie ou les décisions présidentielles à Gitega. SUIVEZ MOI SUR MES RÉSEAUX SOCIAUX