AMAKURU YA RADIO PEACE FM YO KU WA 27 NZERO 2026
Mwiriwe mwese canke mwaramutse bivanye naho muriko muradukurikira muri. Muriko murumviriza Radio Peace Fm ijwi ry'urwaruka iyo nayo igasamiranira mu gisagara ca Humburg kw'ibarabara ryitiriwe Holudi numéro 10. Kaze mu makuru yo mururimi rw'ikirundi yo kur'uyu wa mbere igenekerezo rya 26 Nzero umwaka 2026 . Mushobora no kutwumva muciye kuri www.radiopeacefm.com, aho iyi radio isamirana amasaha 24 kuri 24 . Ingingo nyamukuru z'amakuru twabateguriye nizi .
1.Birababaje kandi biteye isoni kubona abategetsi bemera bagaca mw'ibarabara imiduga yabo ihengetse kandi ntibanarikoreshe,aha abanyagihugu bakidoga bavuga ko iryo barabara no 3 ryamaze kwononekera cane indongozi nazo zikabirabisha ijisho gusa .
3.Abasirikare bakomerekeye mu ntambara zo muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bashika hafi 900,bavuga ko basugerejwe n'ubukene buvanze n'inzara hambavu yo kutavurwa canke ngo baronswe n'imiti ,muraya makuru muraza kuvyumva .
3.Uruhombo rudasanzwe cane cane ku badandaji ,rybandanya kwiyongera ,ibiheza bikagwiza ubukene mu gihugu, aha bakidoga bavuga vyose biva kw'iyugarwa ry'imipaka vyakozwe na reta y’uburundi navyo muca muvyumva mukanya.
Amakuru twabateguriye saya gusa tubafitiye nayandi avugwa mu bindi bisata gumana najewe Joe Philbert Karangwa ngire ndayabashikirize nkaba ndiko ndafashwa na Yves Irakoze m'ubuhinga bw'ivyuma kaze mwese mw'ido n'ido

English
Kirundi
Français