Umuhari Red Tabara wagiriza umukuru w'igihugu gushikiriza ibinyoma kubikanye nuko RED-Tabara ifashwa n'Urwanda

Mw'itangazo washize ahabona igenekerezo rya 29 Nzero 2026, umugwi w’ugizwe n'abarwanya ubutegetsi bw'Uburundi RED-Tabara warishuye bikomeye ivyavuzwe n’Umukuru w’Igihugu Évariste Ndayishimiye. Uwo mugwi uvuga ko ivyashikirijwe n'umukuru w'igihugu ari uburyo bwo gusiga inkore ku maso y’amakungu no gusubiza hasi ibisabwa bijanye na demokarasi n’intwaro ishingiye ku mategeko mu Burundi. Ibindi biri muriryo tangazo tubishikirizwa Christa Inamahoro

Jan 30, 2026 - 08:46
Jan 30, 2026 - 09:40
 1  829
Umuhari Red Tabara wagiriza umukuru w'igihugu gushikiriza ibinyoma kubikanye nuko RED-Tabara ifashwa n'Urwanda

Muriryo Tangazo ryazindutse rishirwa ahabona n' Umugwi urwanya ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye, RED-Tabara, wahakanye wivuye inyuma amajambo aheruka kuvugwa n’Uwo mukuru w’Igihugu arongoye uburundi muri kino gihe .

Muvyashikirijwe na Ndayishimiye, yagiriza Red Tabara gukorana n’u Rwanda mu guhungabanya umutekano w’igihugu arongoye kuva mu mwaka 2020.

Muriryo Tangazo Red Tabara yashize ahabona kur'uyu wa kane igenekerezo rya 29 Nzero 2026, ivuga ko ivyo vyashikirijwe na Perezida Ndayishimiye mu kiganiro yahaye tereviziyo ya Leta ya Kongo RTNC ari ikinyoma kigamije gusamaza amakungu .

Uwo mugwi wahisemwo inzira y'ibigwanisho ,wibutsa ko mu mwaka w’2021, u Rwanda rwashikirije Leta y’u Burundi abarwanyi19 ba RED-Tabara bari bazimiye mu kibira ca Nyungwe, ivyo bakavuga ko vyerekana ko ata bufasha na bumwe Kigali ibaha.

RED-Tabara irongera igahakana ko ata sano ifitaniye n’umugwi M23 urwanira muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo, ivuga ko iyo mirwi uko ari 2 itandukanye kandi itanavukiye igihe kimwe.

Ku bijanye n’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi mu 2015, umugwi wa Red Tabara uvuga muriryo Tangazo ko abari babigizemwo uruhara bari abasirikare ba Leta y’u Burundi, atari abanywanyi ba RED-Tabara.Uretse ivyo bijanye n’umutekano, RED-Tabara ishimika ko ikibazo nyamukuru ari ica politike.

 Ivuga ko umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi urenga ku Masezerano ya Arusha, kandi Red Tabara igasaba amatora yigenga, ukwubahiriza intwaro ishingiye ku mategeko, hamwe no gusubira kwugurura ibiganiro n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Mu gusozera iryo tangazo, RED-Tabara igasaba amakungu gushira igitutu ku butegetsi bw'U Burundi kugira habe ibiganiro, ivuga ko urugamba rwayo rutazohagarara gushika habayeho ubutungane n'ubutegetsibutwarira bose atakuvangura .

Files

Christa Inamahoro Je m'appelle Christa Inamahoro. Je suis journaliste depuis 2020 et je travaille pour la radio Peace FM depuis 2022 en tant que journaliste reporter et rédactrice. Je suis engagée sur les sujets de politique, de justice, de droits humains et de lutte contre la corruption. ​Contact : +49 1521 3498050