Biragoye kumenya uwutwara Uburundi hagati y’umukuru w’igihugu n’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD.

Mu Burundi hama hibonekeza ukwisamaza kwinshi ku kibazo c’uwufata ingingo nyamukuru mu gihugu, aho benshi bibaza uwutwara koko Uburundi hagati ya Perezida wa Repubulika, Évariste Ndayishimiye, n’umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, Révérien Ndikuriyo.

Jan 5, 2026 - 11:06
 0  1.3k
Biragoye kumenya uwutwara Uburundi hagati y’umukuru w’igihugu n’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD.

Mw'ijambo ryiwe risozera umwaka w’2025, Perezida Ndayishimiye yagarutse cane ku ngorane igihugu kirimwo, zirimo iz’ubukene, umutekano n’ubutunzi. Muri iryo jambo, yongeye kandi kwagiriza Urwanda, aruvuga nk’umwansi wa mbere Uburundi bufise muri kino gihe, ivyo bikaba vyatumye hibonekeza impungenge n’ivyiyumviro bitandukanye mu banyagihugu no mu banyapolitike.

Ariko ntihaciye n’imisi mike, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Révérien Ndikuriyo, yaciye atumira abamenyeshamakuru mu kiganiro, aho yabonetse asa n’uwufata ijambo rikomeye cane, yerekana ko afise ico avuze ku ngingo nyinshi z’igihugu. Muri ico kiganiro, Ndikuriyo yagarutse ahanini ku vyo yise “imiti yokemura ingorane z’igihugu”, avuga kenshi ko agiye kwifatira ibintu mu ntoke, imvugo benshi bafashe nk’iyerekana ubushake bwo gufata ingingo zikomeye.

Ku kibazo c’igisagara ca Uvira, Ndikuriyo yamenyesheje abamenyeshamakuru ko atari umuhari M23 wafashe Uvira, mbere anemeza ko uwo muhari ata nuwubaho, ahubwo ko ari igisirikare c’Urwanda caciye cigarurira ico gisagara co muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo.

Amakuru dukura mu bantu begereye cane umugambwe CNDD-FDD avuga ko Révérien Ndikuriyo ari we yoba afise uruhara rukomeye mu gufungwa kw’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Alain Guillaume Bunyoni. Ayo makuru nyene avuga ko n’umumenyeshamakuru Sandra Muhoza yoba afunzwe ku bw’itegeko rimukomokako.

Révérien Ndikuriyo ni na nyene ishirahamwe FOMI. Ku kibazo c’ubunyonyezi bwavuzwe muri iryo shirahamwe, umukuru w’umugambwe yavuze ko adatahura ukuntu umushikiranganji ashobora kuvuga ko ata mutekano afise, aca yibaza ingene umunyagihugu mutoya yoba amerewe. Yongeye avuga ko ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Alain Ndikumana, atabifashe nk’ibifise ishingiro, avuga ko ata nivyo yamenye kuko ata mbuga ngurukanabumenyi akoresha.

Ivyo vyose bituma hibonekeza ikibazo gikomeye mu banyagihugu no mu bakurikirana politike y’igihugu: ni nde atwara Uburundi vy’ukuri? Iyo Perezida Ndayishimiye avuze, amajambo yiwe akenshi aboneka nk’ayafise aho agarukira canke agowe mu bandi badafise ububasha bukomeye. Ariko iyo umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Révérien Ndikuriyo, afashe ijambo, benshi babona asa n’uwusatira cane ibijanye no gufata ingingo nyamukuru zigena intumbero y’igihugu.

Ico kibazo kigumye uko: ububasha nyabwo buri mu maboko ya nde hagati y’umukuru w’igihugu yatowe n’abanyagihugu n’umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi?

Joe Philbert Karangwa ​Mon parcours est marqué par une carrière dans les médias de la région des Grands Lacs, souvent dans des contextes de reportage sur des questions de sécurité, de droits de l'homme et de politique régionale. ​Parcours Professionnel ​Directeur de Radio Peace FM : Je dirige cette station de radio et contribue activement à la rédaction d'articles, notamment sur la situation politique et sociale au Burundi (nomination de cadres, gouvernance, sécurité). ​Ancien de Bonesha FM : Avant de s'installer au Rwanda en 2015 , je travaillait pour la radio indépendante Bonesha FM au Burundi. Cette station a été détruite et fermée en mai 2015 lors de la crise politique burundaise. ​Journaliste d'investigation : Mes publications portent fréquemment sur des sujets sensibles comme les incidents de sécurité au Burundi, la situation des réfugiés en Tanzanie ou les décisions présidentielles à Gitega. SUIVEZ MOI SUR MES RÉSEAUX SOCIAUX