“Mubanze munsengere” : Umukuru w’igihugu asaba Abarundi amasengesho imbere yo kwipfuza ko yosubira gutwara igihugu
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yarasavye Abarundi kumwibuka mu masengesho yabo, ashimika ko ikintu ca mbere akeneye atari ukwipfuza kuguma k’umwanya w'umukuru w'igihugu, ahubwo ari ukuguma ari muzima gushika mu mwaka w’2027
Ivyo yabishikirije mu ntara ya Muramvya, kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 26 Kigarama 2025, mu kiganiro yahaye Abarundi kijanye n’uko ibisata bitandukanye vy’igihugu vyifashe, harimwo ivy’umutekano, ubutunzi n’imibano myiza.
Aya majambo yayavuze mu gihe hari Abarundi batari bake, harimwo n’abashika kuri batatu, bagumye bagaragaza icipfuzo c’uko mu mwaka w’2027 yosubira akitoza kugira bamuhunde amajwi bongere bamwegurire ikiringo gishasha.
Mu minota ya nyuma yo gusozera ico kiganiro, Umukuru w’igihugu yavuze ati:“Ni ukuri ndashima urukundo mwanyeretse. Icipfuzo c’uko nosubira kwitoza kirerekana ko munkunda. Ariko mubanze munsengere, kugira nzobe nkiri muzima.”
Ayo majambo yaciye atuma benshi bibaza ku bijanye n’ico ayo majambo asobanura kuri kazoza ka poritike k’igihugu, hagati y’ivyipfuzo vy’abamushigikiye n’ivyo we ashira imbere.

English
Kirundi
Français